IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Leonce NGENDAKUMANA asaba EAC kwumvisha Reta y’Uburundi ko yokwitaba (...)

Leonce NGENDAKUMANA asaba EAC kwumvisha Reta y’Uburundi ko yokwitaba ibiganiro

jeudi 16 Ntwarante 2017

Icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA-FRODEBU Leonce NGENDAKUMANA asaba abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuserukokwumvisha Reta y’Uburundi ko yokwitaba ibiganiro bihuza abarundi, bihagarikiwe na Benjamin Mkapa.

Leonce NGENDAKUMANA amenyesha ko atewe umutima uhagaze no kuba umuhuza mu biganiro vy’abarundi Benjamin Mkapa atashoboye kwumvisha umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ko yokwitaba ibiganiro.

Icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA-FRODEBU amenyesha ko umukuru w’igihugu ashobora gusubira kwitoza, kandi n’indyane zatewe nuko yitoje mu mwaka wa 2015 zitaratorerwa umuti.

Mu biganiro biheruka kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzania kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 19 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, Reta y’Uburundi yaranse kwitaba ibiganiro, imenyesha ko itashimishijwe n’uburyo umuhuza yatumiye abitaba ibiganiro, kandi ko Reta itoshobora kwicarana n’abashatse gutembagaza ubutegetsi.


IGIHE

Messages

  • Munyumvira Ako Kagabo Atabisazi Koba Karwaye? Mbariza Physcoloque

  • Ega Ibwirizwa Shingiro Rihinyanyuwe Niho Nakanyaro Mufise Ko Gabanuka .

  • Ibiganiro se Leta yabigirana nande? Uburundi buratekenye kandi abarundi bagize Imana babona President mwiza wita kubaturage be. Twe mu Rwanda tuyoborwa n’icyago nkoramaraso cyitwa Kagame. Nitwe tuzarota Imana ikidukijije kuko kirusha ubwandu Sida.

  • uwo nawe ngo uburundi buratekanye,ariko uri mwansi w’abarundi nta nisoni ngo nkurumbi ngo ni umuprezida mwiza nari ngatangaye intarahamwe ikindi yavuga.uze urebe aho urwanda rugeze mw’iterambere none uragereranya ibitagereranwa wa nterahamwe....

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.