Accueil > Amakuru > Poritike > Ligue ITEKA : "Abantu 1193 nibo bishwe mu myiyerekano"
Ligue ITEKA : "Abantu 1193 nibo bishwe mu myiyerekano"
mercredi 26 Ndamukiza 2017, par
Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu (Ligue ITEKA) rivuga kuva muri Nzero 2015 gushika kuwa 23 Ndamukiza 2017, abantu bagera ku 1193 aribo bishwe, abaharurwa mu 424 baburirwa irengero, nayo abagera ku 272 barahohoterwa.
Abari mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yiyemeje kurwanya ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu NKURUNZIZA bibuka kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2017, imyaka ibiri iheze hatanguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA mu mwaka w’2015.
Mw’ishirahamwe Ligue ITEKA bavuga ko gushika mu kwezi kwa Ndamukiza 2017, abandi bantu bagera ku 4573 bahagaritswe, abandi 1328 barakomereka.
Abantu 223 nibo Ligue ITEKA ivuga ko batowe ibiziga, mu gihugu cose c’Uburundi naho hakavugwa ko hari ibinogo bigera kuri 14 vyahambwemwo abantu benshi.
Mu murwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi bamenyesha ariko ko abantu bagera ku 720 aribo bahitanwe n’intureka Uburundi burimwo kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015.
IGIHE
Messages
26 Ndamukiza 2017, 10:01, par Mediator
Ligue Iteka turashima ingene muduha ibiharuro vy,irengero ry,abacu . Ariko ndabisabire muduhe n,ibiharuro vy,abagandaguwe muri 1972 hamwe na 1983 muri ntega na malangala ( canke siho mwari muri?) Ntaco miba mwerekana uruhande muvugira kandi muvugako ataho muhagaze. You don,t deserve to be called organization not for profit/ nor non governmental organization !! Your work is polically motivated as found and discovered through your reports
26 Ndamukiza 2017, 12:46, par Barementanya
Murementanye Canke Mureke. Nimureke Kwitwazibiringo Ngo Nivyovyatumye Imyiyerekano Iba Nubwicanyi Bwari Mumitima Ya Pasifik Nininahazwe Naba Niyombare Nabasinduhije Nabandi Nayo Nyakubahwa Nkurunziza Nabandanye Arongoyuburundi Kugeza Akuwe Nubusaza Ibiringo Nimubiveko
26 Ndamukiza 2017, 13:00, par Cash
Nibake,uravye abari gusiga ubuzima iyo batembagaza ubutegetsi.ikindi bomenya iyo wafashe ingingo ugomba kwemera ningaruka yayo. Nibutse inkuru yumuhungu wa Dawidi yitwa Abusalomu yashatse gutembagaza se kubutegetsi ntivyamuhira 2samuel18:9-15.mumateka yisi abetegura gutembagaza ubutegetsi hanyuma bikabata kuwamazi ntiyindi nzira ndasoma mubitabo atari.......,,,,gusa nizere ko abarundi twahigiye vyinshi kuburyo nizera ko twavavanuye nakwmenyero kuko kica inkware.Uburundi bwa 1959 sibwo bwa 2017.turagomba kwubahana,iyo ibibazo bibaye sivyiza kubikemuza amaraso yabantu ukamenga ubifitiye uburenganzira.kuko nawewe urayava.
26 Ndamukiza 2017, 13:23, par leonids
ligue iteka mwebwe ivyanyu vyaramenyekanye mwe na ba PACIFIC aho muriko muravugiki? 1972 harapfuye abantu bomubwoko bwabahutu ntimwavuze,1988 aho buyoya yatikiza inganda muri ntega namarangara mwarihe? 19930aho bica ndadaye mwari mukuzimu ntimwari kwisi,kuberubu uri abatutsi bagumutse muguteza akajagari mugihugu hoho mwaravuye mukuzimu muja hejuru ngo abantu baraheze.eee... uworukarisha gwomumwa.nkamwebwe muvugira mumahanga ntimuzi nu mutekano uri mu gihugu.uko nukumaramara kugira ntimutahe babazungu banyu bame bibaza ngo biracika muburundi.
26 Ndamukiza 2017, 13:44, par P.ANTOINE
NDABASAVYE MUNTEGAMATWI ; KERA INGENDANYI Z’UMUGANWA,NIZO ZAGENZURA MUMITUMBA ZIRABA AHARI AMATONGO AMERA BASANZE AHO BAHISHIJE INZOGA BAKABIMA BACA BAJA KUKUV’URIBINYOMA KUMUGANWA CANKE KUMWAMI BAKAKUNYAGA ITONGO RYAWE. NONE BABA LIGUE ITEKA ,CANKE ABIYIYITA AMASHIRAHAMWE ;NIBIKORESHO VYABO BARUNDI BARI MUBUBIRIGI .NTIMWIBAGIRE KO BASAHUYE IGIHUGU KUVA MURI 1976 AMAHERA YO KUBAHEMBA KUGIRA BAVUGUBUBESHI BARAYAFISE. KUBERIKI ABISHWE NA MICOMBERO KOBATABAKWIRIKIRANA; BUYOYA NGUYO NUBU BARAMUBONA YARISHE ABAPREZIDA 2 ABASHIKIRANGAJI ,ABANYAGIHUGU BASHIKA 500.000 NUKUVUGAKO ZARINKOKO !! KO BATAMUVUGA? KAGAME NIWE YATANGUJE JENOSIDE KO BATAJAYO? MURIBUKE ABAZUNGU KUVA KERA BAKUNZE UBWOKO BUMWE NUBU BAGUMA INYUMA YABWO. HAI UMIGANI IVUGA NGO:MBWIRE GITO CANJE CUWUNDI CUMVIREHO ,IMVUGIRA KUYAMARA IKUNDWA NABAKE@
26 Ndamukiza 2017, 14:05, par Kagame
Rigue Iteka Ndabakunze :ivyobitigiri Nivyo Kuko Abo Nabaturiwe Mumapine, Nabanyurujwe Batwagwa Mumigwano,nabakomeretse Batewe Amagrenade Barimwisoko Nabahohotewe Kubera Banse Kuja Mumigumuko
26 Ndamukiza 2017, 15:11, par tororo
Abantu nkurunziza amaze kwisasira nubu akiriko sabogusa nibeshe gusa ndashimishwa ningene ligue iteka mwitanga mukubandanya mushira ahabona ubwica nubundi bugizi bwanabi vya nkurunziza nakarwi kiwe kandi ataho mufise mukorera naho icokintazi kivugangwabaturiwe mumapine ubuse abagapfuye Bose nubu bakiriko nabaturirwa mumapine naduhe ibutigiri vyabaturiwe mumapine nibangahe jewe ndababa nuburofa bukirimumiwe yabarundi ba mwe ba mwe ico mwomenya nuko urugamba ngwatanguye kandi rutazosubira inyuma izogurube zifukamye igihugu cacu munda tutazomoye tuzopfuma tubure numuriyoni mugabo mpaka izo siha zituvuye kwizosi
26 Ndamukiza 2017, 17:30, par Twaje
Bwabundi mwarishe Imbonerakure nyishi nabashigikiye Nkurunziza, jewe nagumye nishiramwo komwishe iryambonerakure gusa mwaturiye none mwishe abanganagurtyo bose!? Sha muzobiryozwa vyasebikunze.
26 Ndamukiza 2017, 18:51, par olivier
hari ivyiyumviro vyinshi vyerekany neza ko har agatima ko kugarukana ivyaheze mbe mur 1972 abapfuye ntibar abarundi aho hose badondagura ntihapfuy abo mu bwoko bwose nimurek rer inzigo ngo nukw batabavugiy abanyu nukuvuga ko har inryarya zikunda zitababazwa ng ba nak babuze muga ubu abantu bishwe izuba ryaka ku mugaragaro ninde afise umutima atogira ico avuze non umututsi niwe atovugirwa abo bahutu biyumvir ukw baracar kure cane ubweng bwabo buziritswe n.inzigo y.amacakubiri ari nabo baciy biha intumbero yo kwica urwaruka rw.abatutsi ark hagiz uwuvuga ukamengo arabatonetse ark nta gitangaj barafise uburambe muvy kwica nibibuke igihe basekura inzoya mu masekuro bagakerera abantu i gitega ruyigi karusi muramvya n.ahandi gusa hagize uwuvuga umengo aratonetse har igihe ayo mashirahamwe azosubira gukora mukifuza ko abavugira mb muribuk k mbonimpa ariwe yavugiy rwembe na uwamahoro non mu misi iza mwibaz k bizogenda gut komere mur intwari mwese babank cnk bareke
26 Ndamukiza 2017, 19:43, par mbazumutima jerome
Barundi barundikazi nimuzetuvibuzimu tujibuntu twimamatwi abobangushi nayomashirahamwe aharura ibibazo ningorane abarundi turimwo kukoniyo yadukwegeye mumabarabara kubwinyunguzabo,ububarikobararaba ahumwimbuwabo ugeze !!!kobatatwigisha kwihanganirana nokwitondera ibihebibi iyobije bababayobewe kwimyigaragamvyo nimigumuko atakindibizana atarurupfu nubumuga nokuburirengero ryabamwe bamwe???none baradukina kumuvyimba baharura abatuvuyemwo tutabase nkahumenga niyindintumbero nziza batuzaniye!!muburundi turabimenyereye ko kwica-kwiba-kunyuruza -nokudakundana nivyovyaranze ubutegetsi bwose bwatanguye kubaho.amaleta yoseyomwisi nikwakora ikinyoma kireremba hejuru yukuri kuko ubutungane nukuri biboneka kumana yonyene nayemwisi hakora inguvu noguhangana .60/100bahonyora 30/100barushijwe inguvu 10/100nabo bajiyobigiye bakabitegamaso.BARUNDI BENEWACU IMPANURONGIYI :INGOMA IRIHO ITEGEKA UYEMERA UTAYEMERA KUGIRANGO UBEHO URAYIYOBOKA .UTABIKOZE IRAKWICA IKAGUHAMBA KANDINIYO HAGIZE IYIYISUBIRIRA WEWE NTIKUZURA BIMENYWA NABASIGAYE BAKIRIHO.subirinyuma urabe kuva za miro60na kugeza uyumusi abatuvuyemwo ukobangana ubuntibazi ahotugeze nivyoturimwo.nahumuntuwese kumenya kwirinda kupfagushorera amaboko nubwenge mubintuvyose atibajije kazoza karimwo,ayomashirahamwe ntacatumariye nimbatokwigisha ibiturinda guhangana nibiduhitana akadufasha guharuragusa abatuvuyemwo.nitutiga gufatanya nubutegetsi bubaburiho amashirahamwe aharuye akiriko kuko uwagutanze kwirobe igihecose niwarya bunini ,ugiyemuri politique ntiwobesha nguzokora bimwe gusa ibibi nivyiza uravunga ntushobora gushimisha bose.murakoze uwumva akanakora bizomufasha imisirimbere
26 Ndamukiza 2017, 19:54, par Jonas
Kwaribake Mufatiye Kuntumva Zari Mugihugu? Narinziko Boba bashika 5000 Ufashe Abomumigumuko Ugateranya Nabagiye Barisuka Kurisongoye? Ahubwo Ntibazi Gutohoza.
26 Ndamukiza 2017, 19:57, par UMWAMI
Wewe wiyise tororo,izo siha ni ngurube uriko uravuga burya urazi iyo zigeze?,ziri muburayi hose no mugwanda no mubuganda,ino muburundi hari abahutu na batutsi, abatwa,bumutima bakunda igihugu cabibarutse,kandi bafatanye munda nkaba vukana,basangiye ibere rimwe ariryo UBURUNDI,kandi ataco biyagiriza,ntamaraso yabantu baruriwe,babazwa kuminwe yabo.muzoguma muborogera iyo hanze mpaka mwese mwishwe nakabonge nimivumo yabanu mwishe.ndabarahiye,unva ,uwuwucanye arawota mpaka tukawumuzimirizako,igihugu kirimwo abagabo,bahabona.ubutware butangwa n’imana,ibicishije kubene gihugu,iyo muri mugwanda bavuga ngo nirubanda .wavyunvise neza?.nimukuruguture amatwi mwunve kandi mutegere neza.ivyo ndabamenyesheje.
26 Ndamukiza 2017, 20:45, par Cobla
Tororo Uti Urugamba Mwararutanguye Reka Kwitwenga Akariro Kari Kumusaga Inyuma Yimigumuko Urakazi? Ubu Karihe. Urazi Umusega Uwukankamiye Uko Bigenda? Ucuzinga Umurizo Ukiruka. Birya Vyarabasize Wangu. Wewe Nawakera Urabona Mwoshobora Igihugu Kugitera? Nyenimbugita Nuwuyifashe Ikirindi Nayo Mwebwe Nukumokera Aho Mwinyegeje Gusa.
26 Ndamukiza 2017, 20:47, par Cobla
Tororo Uti Urugamba Mwararutanguye Reka Kwitwenga Akariro Kari Kumusaga Inyuma Yimigumuko Urakazi? Ubu Karihe. Urazi Umusega Uwukankamiye Uko Bigenda? Ucuzinga Umurizo Ukiruka. Birya Vyarabasize Wangu. Wewe Nawakera Urabona Mwoshobora Igihugu Kugitera? Nyenimbugita Nuwuyifashe Ikirindi Nayo Mwebwe Nukumokera Aho Mwinyegeje Gusa.
26 Ndamukiza 2017, 20:49, par Eruvis
Ndashigikiy Imyiyerekan Yabay
26 Ndamukiza 2017, 20:49, par Cobla
Tororo Uti Urugamba Mwararutanguye Reka Kwitwenga Akariro Kari Kumusaga Inyuma Yimigumuko Urakazi? Ubu Karihe. Urazi Umusega Uwukankamiye Uko Bigenda? Ucuzinga Umurizo Ukiruka. Birya Vyarabasize Wangu. Wewe Nawakera Urabona Mwoshobora Igihugu Kugitera? Nyenimbugita Nuwuyifashe Ikirindi Nayo Mwebwe Nukumokera Aho Mwinyegeje Gusa.
27 Ndamukiza 2017, 00:50, par Kanyosha
Najewe mbaye nka Jonas, nagira nibeshi gusumbabo nimiburiburi nkabashika 10,000 kuko abaribagumutse bahigana nokwisuka kurisongoye ndibuka birukankana aba porisi bigihugu maze aba polisi bakirunkanka ninkoho babatera amabuye mumugongo, mwibuke kwabaribagumutse mukwisuka kurisongoye banateye amakambi yagisirikare.
Abobantu nibake cane kuko ndibuka SSudan , mumusumwegusa hapfuye abarenze abo.
Ariko abajeje umutekano yobatakomeza kuhabera magabo bamwe mubajejwe umutekaba bakemera bakabaribobicwa kugira abagumutse ntibakomeze kwica habahapfubeshi niharambe igi polisi nigisirikare , nabandibose bakoranyenabo mugukingira abene gihugu.
27 Ndamukiza 2017, 05:07, par Wakera
@Mediator. Ariko aho naguhanuriye ngo wandike muririmi utahura ntiwumva!!! Urabona ayo makosa wandika!!!!! Shame on you
27 Ndamukiza 2017, 05:11, par Wakera
Ligue Iteka komera kumuheto mubandanye mudutohoreza, ivyegeranyo mubibike ahadata kuko bizofasha gukubita intahe mugahanga abagize iyintwaro mbi y’icaduka hamwe na milice Imbonerakure ubutungani nibwatangura gukora baheze bishure kuraya maraso birirwa, bakarara barasesa! God damn them
27 Ndamukiza 2017, 13:27, par Sagamba Burundi Bwacu
Aho Namwe Murinivyo Muriko Muravuga.None Bishwe Niki Ntimubifisemwo Uruhara?Muriko Muratwenga Ababuze Ngo Muriko Murabafasha
27 Ndamukiza 2017, 13:36, par Theophile
Wake,izina Niryo Muntu Ariko Ntanyungu
29 Ndamukiza 2017, 23:13, par Zacharie
Turashimiye ayo mashirahamwe ataco itakoze nubwo nkurunziza yanse kurekura tubashimiye kugikorwa mwakoze ahubwo mudutabarize nomumakungu baze badufase kudutabara.
1er Rusama 2017, 13:32, par Pérès
nashakakubazako,abo1193koaribobafpuye?
10 Rusama 2017, 08:18, par BARUTWANAYO
Ntaco Ndabivuzeko Nagahomera Bunwa