Accueil > Amakuru > Poritike > MSD : Imyiyerekano ya CNDD-FDD ni iyo kunumya abatavugarumwe na (...)
MSD : Imyiyerekano ya CNDD-FDD ni iyo kunumya abatavugarumwe na Reta
vendredi 21 Mukakaro 2017
Epithace NSHIMIRIMANA avugira umugambwe MSD asigura ko imyiyerekano yo kwerekana inguvu z’umugambwe CNDD-FDD ku ruhande rwabo, babona ko vyerekana ubushobozi buke, kuko iyaba bafise inguvu bitari bikenewe ko bazerekana.
Ku yindi myiyerekano ikorwa mu ntumbero yo kwiyamiriza ibihugu bimwe bimwe canke amashirahamwe, umuvugizi w’umugambwe MSD amenyesha ko iyo myiyerekano itazogira ingaruka ku makungu biyamiriza ahubwo izogira ingaruka ku gihugu.
Ku ruhande rw’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu, umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE amenyesha ko imigambwe yose ifise uburenganzira bungana imbere y’amategeko.
Pascal BARANDAGIYE avuga ko umugambwe wose usavye uburenganzira bwo kugira urugendo ubuhabwa, ariko hisunzwe ko iyo migambwe idahurira mu kibanza kimwe.
Ibikorwa vyo kwerekana inguvu z’umugambwe CNDD-FDD bitegekanijwe kandi mu gisagara ca Bujumbura kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017.
MUGISHA Van Naris
Messages
22 Mukakaro 2017, 08:19, par Umugumyabanga
songa Mbere Ntagurubirnyuma