Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
MSD : Imyiyerekano ya CNDD-FDD ni iyo kunumya abatavugarumwe na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > MSD : Imyiyerekano ya CNDD-FDD ni iyo kunumya abatavugarumwe na (...)

MSD : Imyiyerekano ya CNDD-FDD ni iyo kunumya abatavugarumwe na Reta

vendredi 21 Mukakaro 2017

Epithace NSHIMIRIMANA avugira umugambwe MSD asigura ko imyiyerekano yo kwerekana inguvu z’umugambwe CNDD-FDD ku ruhande rwabo, babona ko vyerekana ubushobozi buke, kuko iyaba bafise inguvu bitari bikenewe ko bazerekana.

Ku yindi myiyerekano ikorwa mu ntumbero yo kwiyamiriza ibihugu bimwe bimwe canke amashirahamwe, umuvugizi w’umugambwe MSD amenyesha ko iyo myiyerekano itazogira ingaruka ku makungu biyamiriza ahubwo izogira ingaruka ku gihugu.

Ku ruhande rw’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu, umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE amenyesha ko imigambwe yose ifise uburenganzira bungana imbere y’amategeko.

Pascal BARANDAGIYE avuga ko umugambwe wose usavye uburenganzira bwo kugira urugendo ubuhabwa, ariko hisunzwe ko iyo migambwe idahurira mu kibanza kimwe.

Ibikorwa vyo kwerekana inguvu z’umugambwe CNDD-FDD bitegekanijwe kandi mu gisagara ca Bujumbura kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.