IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Mashandari:’’ Ivyigwa vy’inyuma y’amasaha bifitiye inyungu abanyeshuri’’

Mashandari:’’ Ivyigwa vy’inyuma y’amasaha bifitiye inyungu abanyeshuri’’

vendredi 6 Nzero 2017

Umukuru wa Sendika y’abigisha CONAPES amenyesha ko ingingo yo guhagarika ivyigwa biba inyuma y’amasaha ategekanijwe vyagiyeho ku mwumvikano w’abavyeyi b’abanyeshuri n’abigisha,kandi ko ingaruka zo kubihagarika ziba ku banyeshuri ubwabo.

Emmanuel Mashandari yavuze ko izo nyigisho ziba inyuma y’amasaha zatanguriye ku mashuri y’akarorero, ayandi mashuri abonye inyungu birimwo aca agirisha amanama ahuza abavyeyi n’abigisha kugira nayo azishinge.

Kubwa Emmanuel Mashandari arongoye CONAPES ,amafaranga atangwa n’abavyeyi ntiyoba ikibazo kuko yashinzwe n’abavyeyi bunvikanye n’abigisha, agasaba ko imbere y’uko iyo ngingo ihagarikwa na Reta, bobanza kuraba ineza n’inyungu bifitiye abanyeshuri.

Umukuru wa Sendika CONAPES asaba abayobozi b’amashuri gukurikirana ko akazi gakorwa neza kandi kagakorwa ku neza y’abana.


IGIHE

Messages

  • ABAREZI DUKORERA KUNEZA Y’ABANA , UMUVYEY N’UMUREZ BAVYUNVIKANYEKO NIBATUREK TWIKORE AKAZI NEZA ! GUSA NIBARAB ITUNGANYWA RY’AMAFARANGA BAH’AMASHUR. ARIK TURASHIM URYA MUHORA WATANZWE . HAMA IRYA NUMERO BATANZE IRATWARA AMA UNITE MURARABA KO ONAMOB ITABAHENZE !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.