Miss 2017 : Dukenguruke Fleurette, umupfasoni mw’iterambere ry’igihugu

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 19 juillet 2017 saa 11:18
Yasomwe : 4446
0 0

Dukenguruke Fleurette w’imyaka 20 aserukira intara ya Bururi mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2017, akaba yiga kw’ishure Kaminuza ryitiriwe ikiyaga Tanganyika. Avuga ko icatumye yitaba iryo higanwa ari kubera yashatse kugaragaza ko umupfasoni ashobora guterera mw’iterambere ry’igihugu.

Mu migambi yipfuza gushira mu ngiro mu gihe yotorwa, Dukenguruke Fleurette amenyesha ko azokwigisha abapfasoni ba ntahonikora kugira bamenye ko bashobora kwigenga mu bikorwa no mu gukora ivyabo, bagashobora kwibeshaho, na cane cane mu kubereka ko kuja gusega n’ugusabiriza mw’ibarabara ata kazoza karimwo.

Mu gutora Dukenguruke Fleurette wandika Miss Bururi, ukarungika ku nomero 192 ku bakoresha umuhora wa Smart.

Igice ca nyuma c’ihiganwa rya Miss Burundi 2017 ni kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017 kuri ARENA, isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Kwinjira ni amafaranga ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi.

JPEG - 229.6 ko
Dukenguruke Fleurette w’imyaka 20 aserukira intara ya Bururi mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2017

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha