Miss 2017 GATEKA Monia : Iterambere ry’urwaruka ruri hagati y’imyaka 18 na 25

Yanditswe na Huguette NKURUNZIZA
Kuya 20 Mukakaro 2017 saa 08:39
Yasomwe : 4770
2 0

Gateka Monia w’imyaka 21, aserukira intara ya Cankuzo ni umunyeshure kuri kaminuza “Bujumbura international University”. Avuga ko icatumye aja mw’ihiganwa rya Miss Burundi ari kugira ashobore gutera intege urwaruka rushobore gukora, rwiyungunganye kugira rushobore kuronka ubuzi.

GATEKA Monia amenyesha ko imigambi nyamukuru afise ari uguteza imbere urwaruka ruri hagati y’imyaka 18 na 25 rusanzwe rwiyungunganya, guha agaciro igihugu c’Uburundi hamwe n’ibisanwze bihakorerwa.

Mu gutora Gateka Monia, wandika Miss Cankuzo ukarungika ku nomero 192 ku bakoresha umuhora wa Smart.

Igice ca nyuma c’ihiganwa rya Miss Burundi 2017 ni kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017 kuri ARENA, isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Kwinjira ni amafaranga ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi

JPEG - 216.9 ko
Gateka Monia w’imyaka 21, aserukira intara ya Cankuzo

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha