Miss 2017 Gahimbare Lyse : Abigeme bofashwa guhitamwo igisata bigamwo muri Kaminuza

Yanditswe na Huguette NKURUNZIZA
Kuya 19 Mukakaro 2017 saa 06:46
Yasomwe : 7623
1 0

GAHIMBARE Lyse w’imyaka 22 aserukira intara ya Rutana asanzwe ari umunyeshure kuri kaminuza yitiriwe ibiyaga binini. Avuga ko icatumye aja mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2017 ari kugira ashobore kurangura imigambi yiwe, kuko ku bwiwe, abaye Miss Burundi yoba yugururiwe imiryango myinshi.

Gahimbare Lyse avuga ko azofasha abakobwa bahejeje amashuri yisumbuye yisumbuye guhitamwo igisata bashaka kwigamwo muri Kaminuza.

Mu gutora Gahimbare Lyse wandika Miss Rutana ukarungika ku nomero 192 ku bakoresha umuhora wa Smart.

Igice ca nyuma c’ihiganwa rya Miss Burundi 2017 ni kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017 kuri ARENA, isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Kwinjira ni amafaranga ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi

JPEG - 163.7 ko
GAHIMBARE Lyse w’imyaka 22 aserukira intara ya Rutana

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha