Miss 2017 : HABONIMANA Belyse, ijwi ry’abana batishoboye

Yanditswe na Vianney HABONIMANA
Kuya 18 Mukakaro 2017 saa 07:21
Yasomwe : 5706
0 0

Habonimana Belyse w’imyaka 22 aserukira intara ya Muramvya, yiga kuri Kaminuza y’umuco. Asigura ko yiyumviye kwitaba iryo higanwa rya MISS BURUNDI 2017 kugira ashobore kuronka ijwi rishika kure, mu ntumbero yo gufasha abana batishoboye.

Nk’uko bivugwa na Habonimana Belyse, umugambi ashira imbere mu gihe yotorwa, azoshinga ikigo c’abana mu Buterere kizokwakira abana bo mw’ibarabara. Muri ico kigo, Habonimana Belyse avuga ko azoshiraho inkino zitandukanye z’urwaruka, ikibanza co gusomeramwo ibitabo hamwe n’ukuzokurikirana abo bana batishoboye, mu kwumviriza ivyo bakeneye hamwe no kubafasha mu ngorane zo mu buzima bwabo bwa minsi yose.

Mu gutora Habonimana Belyse wandika Miss Muramvya, ukarungika ku nomero 192 ku bakoresha umuhora wa Smart. Igice ca nyuma c’ihiganwa rya Miss Burundi 2017 ni kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017 kuri ARENA, isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

JPEG - 134.3 ko
Habonimana Belyse w’imyaka 22 aserukira intara ya Muramvya

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha