Miss 2017 INGABIRE Krissa Carelle ahanura abantu gufungura ibirimwo ingaburo zikwiye

Yanditswe na Huguette NKURUNZIZA
Kuya 20 Mukakaro 2017 saa 03:19
Yasomwe : 3510
0 0

INGABIRE Krissa Carelle w’imyaka 21 aserukira intara ya Bujumbura, akaba asanzwe ari umunyeshure kuri kaminuza yitiriwe umuco. Amenyesha ko icatumye aja mw’ihiganwa rya Miss Burundi ari kubera yamye afise indoto yo gufasha igihugu, akabona ko kuba Miss Burundi ariko karyo ko kubishikako.

Kugwanya igabanuka ry’amaraso mu mubiri biri mu migambi yiwe nyamukuru, akavuga ko azobikora mu guhimiriza abanyagihugu na cane cane abo hagati mu gihugu kurima no gufungura ibifungugwa bifise ingaburo zikwiye.

Mu gutora INGABIRE Krissa Carelle wandika Miss Bujumbura ukarungika ku nomero 192 ku bakoresha umuhora wa Smart.

Igice ca nyuma c’ihiganwa rya Miss Burundi 2017 ni kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017 kuri ARENA, isaha cumi na zibiri z’umugoroba. Kwinjira ni amafaranga ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi.

JPEG - 406.2 ko
INGABIRE Krissa Carelle w’imyaka 21 aserukira intara ya Bujumbura

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha