Miss 2017 : Kaneza Kelcy ategekanya gufasha urwaruka rufise ingabire zitandukanye

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 19 juillet 2017 saa 01:53
Yasomwe : 3582
0 0

Uwuzoserukira intara ya Gitega mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2017, Kaneza Kelcy asanzwe ahejeje amashure yisumbuye mu gisata c’ibiharuro, amenyesha ko yitabiriye iryo higanwa kuko abakobwa benshi bo mu ntara hagati biyumvira ko ari ihiganwa ry’abigeme b’i Bujumbura gusa.

Uwo mwigeme w’imyaka 19 avuga ati : "Nitabiriye iri higanwa kugira nanje mpiganwe mu bandi nk’umwigeme wo mu ntara yo hagati mu gihugu."

Mu migambi yipfuza gushira mu ngiro niyatorwa, Kaneza Kelcy avuga ko azoshigikira yongere afashe urwaruka rufise ingabire zitandukanye kugira rushobore kuzikoresha mu guteza imbere igihugu, kuko ku bwiwe, impano z’umuntu azikoresheje ariryo terambere ku gihugu.

Mu gutora KANEZA Kelcy wandika Miss Gitega, ukarungika ku nomero 192 ku bakoresha umuhora wa Smart.

Igice ca nyuma c’ihiganwa rya Miss Burundi 2017 ni kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017 kuri ARENA, isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Kwinjira ni amafaranga ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi.

JPEG - 168.4 ko
Kaneza Kelcy, Uwuzoserukira intara ya Gitega mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2017

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha