Miss 2017 : NGABIRANO Kelly Daniella azokwitaho abagore bafise ubumuga bwo ku mubiri

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 18 Mukakaro 2017 saa 07:11
Yasomwe : 7974
0 0

NGABIRANO Kelly Daniella aserukira intara ya Bujumbura Rural akaba asanzwe ari umunyeshure kw’ishure kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika. Avuga ko icatumwe yitabira ihiganwa rya MISS BURUNDI 2017 ari ugushaka gushira mu ngiro indoto ziwe yamanye zo guharanira agateka k’abakenyezi bakumirwa.

Uwo mwigeme w’imyaka 20 avuga ko umugambi yipfuza gushira mu ngiro mu gihe yotorerwa kuba Miss BURUNDI 2017, azokwitaho abagore bafise ubumuga bwo ku mubiri (Handicap physique).

Mu gutora NGABIRANO Kelly Daniella wandika Miss Bujumbura Rural ukarungika ku nomero 192 ku bakoresha umuhora wa Smart . Igice ca nyuma c’ihiganwa rya Miss Burundi 2017 ni kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017 kuri ARENA, isaha cumi na zibiri z’umugoroba. Kwinjira ni amafaranga ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi.

JPEG - 656 ko
NGABIRANO Kelly Daniella aserukira intara ya Bujumbura Rural

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha