Miss 2017 RUPARI Sainte Inès asaba abigeme gukunda amashure

Yanditswe na Huguette NKURUNZIZA
Kuya 20 Mukakaro 2017 saa 03:21
Yasomwe : 3960
0 0

RUPARI Sainte Inès aserukira intara ya Rumonge asanzwe ari umunyeshure kuri kaminuza yitiriwe umwizero wa Afrika "Université Espoir d’Afrique".

Uwo mwigeme w’imyaka 24 amenyesha ko icatumye aja mw’ihiganwa rya Miss Burundi ari kubera ari ihiganwa ritanga akaryo ko kurangura imigambi umuntu aba afise. Uwo mwigeme avuga ko asanzwe afise ukwizera muriwe kandi afise vyinshi vyo gutanga.

Muvyo avuga azorangura, ni umugambi wo guhimiriza abigeme kwijukira kwitaho inyigisho no gukunda amashure.

Mu gutora RUPARI Sainte Inès wandika Miss Rumonge ukarungika ku nomero 192 ku bakoresha umuhora wa Smart.

Igice ca nyuma c’ihiganwa rya Miss Burundi 2017 ni kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017 kuri ARENA, isaha cumi na zibiri z’umugoroba.

Kwinjira ni amafaranga ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi

JPEG - 394.2 ko
RUPARI Sainte Inès aserukira intara ya Rumonge

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha