Mkombozi yasohoye ururirimbo rwa mbere atabaza Imana

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 9 Gitugutu 2017 saa 02:29
Yasomwe : 17253
1 0

Mkombozi ahejeje gusohora ururirimbo rwa mbere ruvugwamwo amajambo y’Imana, nk’uko yari yabimenyesheje ko ahinduye ubutumwa bw’indirimbo ziwe. Naho biri uko, uwo muririmvyi ntaja kure cane y’ubutumwa yahora atanga.

"Mana Dutabare" ni ururirimbo rushasha rwaririmbwe na Thomas Nzeyimana inyuma yo gutangaza ko agiye guhindura ubutumwa bw’indirimbo ziwe. Urwo ruririmbo rwari rwitezwe na benshi na rirya uwo muririmvyi yari asanzwe afise abamukurikirana benshi.

Mkombozi n’ubu ntaja kure cane y’ubutumwa yahora atanga. Nk’uko yahora ashimikira cane ku mabi akorerwa abantu maze agasa n’uwukosora abantu muri rusangi atawe adomyeko urutoki ariko umwe wese akiyumvamwo, n’ururirimbo rushasha rurimwo ubutumwa nk’uko.

Muri "Mana Dutabare", Mkombozi na Jean Marie Muco bayirimbanye, bashizemwo umudiho wa Chorali hamwe n’umudiho wa RAP yumvikanamwo Mkombozi. Umudiho wa Rap akaba ar’umwe muyo Nzeyimana Thomas yakunda gusohoramwo indirimbo ziwe.

Umviriza aha munsi ururirimbo "Mana dutabare" rwa Mkombozi na Jean Marie Muco.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha