IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Mu Kanyosha havugwa rusansuma iriko irakorwa y’ukumenya abanywanyi ba CNDD (...)

Mu Kanyosha havugwa rusansuma iriko irakorwa y’ukumenya abanywanyi ba CNDD FDD

mercredi 21 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Bamwe mu banyagihugu twashoboye kuganira bakozweko iyo rusansuma, bamenyesha ko urwaruka rw’imbonerakure ruca mu mihana rubaza ibibazo bitandukanye ari MANIRAKIZA Eric hamwe na NZEYIMANA Jean Marie bo kuri ako gacimbiri, bakaba babifashwamwo n’abajejwe intwaro bo ku mutumba cane cane ba nyumbakumi, nk’uko vyemezwa n’abo banyagihugu.

"Iyo rusansuma igizwe n’ifishi imwe ku rugo, hejuru ku mutwe hakiyandika ko nyumbakumi, hagakurikira umukuru w’urugo n’abana biwe bose bafise imyaka yo gutora kandi biyandikishije mu bazotora mu matora yimirije kuba mu kwezi kwa gatanu yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro.", uwo ni umwe mu bagizweko rusansuma, ariko atashimye ko amazina yiwe avugwa, ku mvo z’umutekano wiwe.

Nk’uko bibandanya bivugwa n’abo banyagihugu, iyo fishi urayuzuza ukavuga ko uri umunywanyi wa CNDD FDD canke utariwe, bahejeje kukwandika bagaca bagutwara agapapuro k’itora baguhaye umusi wiyandikwa kugira ngo uze witabe amatora. Abatwara ako gapapuro babwira mweneko ko bagatwaye mw’ikomine.

Abanyagihugu bo kuri uyo mutumba basaba ko ivyo bintu vyohagarara, kubera ko bikorwa ku nguvu kandi ko baterwa ubwoba ko uwutiyandikisha muri iyo rusansuma azoca ahamvya NIYOMBARE Godefroid iyo yagiye.

Ntiturashobora kuronka umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati kugira agire ico ashikirije kuri ayo makuru y’ivyagirizwa abajejwe intwaro mu ntara ya Bujumbura rural, komine Kanyosha, zone Kiyenzi ku mutumba wa Musugi, agacimbiri Nyagatoke.


Callixte NDIKUMANA

Messages

  • nonegayemwe umuntatoteza mwenewabo atakosayamukoreye .nkuyo nimbereyimana ntazoharigwa nkizombonerakure ziturubikabanyagihugu bimererewenabi muzemurabe imperazabo bazofpabangara nkagahini

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.