Muramvya : Abanyeshuri bahagaritse ivyigwa basaba guhindurirwa umwigisha

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 25 October 2017 saa 05:11
20535
0 0

Kuva mu gatondo ko kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 25 gitugutu 2017 abanyeshuri bo kw’ishuri ryisumbuye ryitiriwe Hope School riri ku murwa mukuru w’intara ya Muramvya ,mu mwaka wa kabiri w’igice ca kabiri c’ishure nshingiro bahagaritse ivyigwa.

Amakuru ava mu banyeshuri biga kuri iyo shuri amenyesha ko mu gihe biga mu gisata kijanye no guharura ubutunzi hakoreshejwe ubuhinga bwa none,umwigisha yigisha ivyigwa bibiri bijanye n’ico gisata adashoboye gutanga ivyo vyigwa.

Abo banyeshuri bavuga ko ivyigwa vya Comptabilite General na Mathematique financiere arivyo batariko bariga neza kandi ari nkenerwa cane muri ico gisata n’inyuma mbere y’ishuri mu gihe boba baronse aho bakorera ubuzi muri ico gisata.

Abanyeshuri bakavuga ko ata kindi basaba atar’uko uwo mwigisha ahindurwa agasubirizwa uwundi abishoboye nabo bagasubira mw’ishuri.

Mu buyobozi bw’ishuri bavuga ko bagiye gutunganya inama izohuza ubuyobozi bw’ishuri,abanyeshuri n’abavyeyi kugira batorere inyishu ico kibazo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha