IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ikiza > Muramvya: Imvura yaguye yakomerekeje abanyeshure yonona n’imirima

Muramvya: Imvura yaguye yakomerekeje abanyeshure yonona n’imirima

samedi 18 Ruhuhuma 2017

Abanyeshure 6 n’inzu zitari nke nivyo vyononekaye mu mvura yaguye ivanze n’umuyaga inyuma y’umutaga wo kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 17 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, ku mutumbawa Rugari, Komine ya Mbuye,intara ya Muramvya.

Amakuru ava mu bajejwe intwaro mu Rugari, amenyesha ko ishure nshingiro rya Rugari ryagurutse, abana 6 mu bariko bariga nabo barakomereka bahitanywe n’ibisakazo vy’ishure.

Musitanteri wa komine Mbuye Jean Berchmans Vyukusenge, avuga ko ibiterwa nk’imyumbati ,ibitoki n’ikawa vyononekaye cane,ku buryo ata gikozwe abanyagihugu bo muri ako gace bashobora kugira ingorane z’ubuzima.

Jean Berchmans Vyukusenge asaba ababishoboye kugarukira ku banyagihugu arongoye, na cane cane mukubafashisha ibijanye n’infungurwa.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.