Accueil > Amakuru > Poritike > Mutabazi: Reta y’Ubumwe yoba ije guhonyanga ibwirizwa nshingiro
Mutabazi: Reta y’Ubumwe yoba ije guhonyanga ibwirizwa nshingiro
lundi 23 Nzero 2017
Jean de Dieu MUTABAZI arongoye umugambwe RADEBU amenyesha ko adashigikiye Reta y’Ubumwe yoshingwa mu Burundi,kuko yoba ihonyanze ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.
Jean de Dieu MUTABAZI avuga ko anezerezwa no kubona igitigiri c’abatavuga rumwe na Reta kandi bemera ko ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA atari ikibazo carwiriye.
Uwo arongoye umugambwe RADEBU amenyesha kandi ko mu mugambwe arongoye batemera ko hoba ikigongwe ku batunganije imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu ,mu mwaka wa 2015.
Jean de Dieu MUTABAZI arongoye umugambwe RADEBU aheza asaba umuhuza kudahindura ijambo yashikirije ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yemewe n’amategeko.
IGIHE
Messages
24 Nzero 2017, 01:22, par .
Jewe iyumutama nyakwubahwa Mutabazi ndamushigijiye, ahibwo imbere yavyose nibabakwakwanye bahindure iryobwirizwashingiro imbereyavyose kugira ivyobavuga bizokunde.
24 Nzero 2017, 02:50, par Hakizimana Gerevazi
Abashaka Reta Yubumwe Nibacuke
24 Nzero 2017, 06:01, par Ntakirutimana Jonatan
WEWE UMUTABAZI wanyoye igongo?, ivyuvuga numwana avutsuyumisi ntavyoyovuga!, isahani yutwokurya Nkurunziza Petero ahora agutabaza nitwo twagutwaye ubwenge? kera naho numva bavuga, ngumuntu iyamaze gusaza nubwenge ngoburasaza, nivyukuri niko nabisanze burasaza kabisa, niho wabuze abanwanyi bagaye imvugo yawe.
25 Nzero 2017, 02:03, par Nowera Nimbona
Mukapa kuba yavuze kurya mwari mwamuroze, burya kumuntu asazwe azikugenzura ibintuniindi urya yari yatezwe igiheko kimwe kivamaraso,kikongera kigatwara ubwenge. urumuntu utarozwe ntiwovuga kurya.