IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Mutabazi: Reta y’Ubumwe yoba ije guhonyanga ibwirizwa nshingiro

Mutabazi: Reta y’Ubumwe yoba ije guhonyanga ibwirizwa nshingiro

lundi 23 Nzero 2017

Jean de Dieu MUTABAZI arongoye umugambwe RADEBU amenyesha ko adashigikiye Reta y’Ubumwe yoshingwa mu Burundi,kuko yoba ihonyanze ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Jean de Dieu MUTABAZI avuga ko anezerezwa no kubona igitigiri c’abatavuga rumwe na Reta kandi bemera ko ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA atari ikibazo carwiriye.

Uwo arongoye umugambwe RADEBU amenyesha kandi ko mu mugambwe arongoye batemera ko hoba ikigongwe ku batunganije imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu ,mu mwaka wa 2015.

Jean de Dieu MUTABAZI arongoye umugambwe RADEBU aheza asaba umuhuza kudahindura ijambo yashikirije ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yemewe n’amategeko.


IGIHE

Messages

  • Jewe iyumutama nyakwubahwa Mutabazi ndamushigijiye, ahibwo imbere yavyose nibabakwakwanye bahindure iryobwirizwashingiro imbereyavyose kugira ivyobavuga bizokunde.

  • Abashaka Reta Yubumwe Nibacuke

  • WEWE UMUTABAZI wanyoye igongo?, ivyuvuga numwana avutsuyumisi ntavyoyovuga!, isahani yutwokurya Nkurunziza Petero ahora agutabaza nitwo twagutwaye ubwenge? kera naho numva bavuga, ngumuntu iyamaze gusaza nubwenge ngoburasaza, nivyukuri niko nabisanze burasaza kabisa, niho wabuze abanwanyi bagaye imvugo yawe.

  • Mukapa kuba yavuze kurya mwari mwamuroze, burya kumuntu asazwe azikugenzura ibintuniindi urya yari yatezwe igiheko kimwe kivamaraso,kikongera kigatwara ubwenge. urumuntu utarozwe ntiwovuga kurya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.