NGENDAKUMANA :’’Amatora meza azoshoboka abarundi babanje kwicara ku meza y’ibiganiro’’

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 13 juillet 2017 saa 09:15
Yasomwe : 8343
0 0

intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU MU Burundi Michel KAFANDO ari mu rugendo mu Burundi,icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Leonce NGENDAKUMANA amenyesha ko inyuma y’umubonano yagiranye n’abanyaporitike kuri uno wa gatatu igenekerez rya 12 Mukakaro 2017, bamusiguriye ko amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro ari urwandiko rumwe, kandi ariwo mushinge w’amahoro n’umutekano biri mu Burundi.

Leonce NGENDAKUMANA yavuze ko bamweretse uko ibintu vyifashe inyuma y’indyane zadutse kuva umugambwe CNDD FDD umenyesheje ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ariwe ushize imbere mu matora yo mu mwaka wa 2015.

Leonce NGENDAKUMANA yavuze kandi ko bamusiguriye ko ata tandukaniro riri hagati y’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi hamwe n’amasezerano ya Arusha, kandi ko arivyo mushinge w’ubumwe n’intwaro rusangi mu gihugu.

Icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU avuga ko habaye ikibazo mu gihe hariko hashirwa mu ngiro amasezerano ya Arusha,kuko haciyemwo ibibazo bishingiye ku kiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Leonce NGENDAKUMANA yamenyesheje kandi ko basiguriye intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko ibwirizwa nshingiro ridasa n’ayandi yo mu bihugu vy’akarere nk’Ubuganda n’Urwanda,kuko ari umwumvikano hagati y’abarundi kugira babane mu mwumvikano.

JPEG - 56 ko
Leonce NGENDAKUMANA,icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU

Leonce NGENDAKUMANA akamenyesha ko basiguriye intumwa idasanzwe ya ONU mu burundi ko,uko ibintu biri uno munsi ntibituma hatunganywa amatora meza mu mwaka wa 2020, ari naco gituma bategerezwa kwicara ku meza y’ibiganiro mu ntumbero gushimangira amasezerano ya Arusha.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha