Accueil > Amakuru > Amashuri > Ngozi : Abanyeshure 20 bakubiswe n’inkuba
Ngozi : Abanyeshure 20 bakubiswe n’inkuba
mercredi 8 Munyonyo 2017, par
Abanyeshure bagera kuri 20 bo kw’ishure shingiro rya Cagura riri ku musozi Cagura, komine Ruhororo, intara ya Ngozi bakubiswe n’inkuba kuri uwu wa kabiri nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango.
Nta minsi myinshi yari iheze abandi banyeshure bo kw’ishure rikuru ryisumbuye rya Mpanuka mu ntara ya Mwaro bakubiswe n’inkuba mu mvura yaguye muri iyo ntara, umwe muribo akaba yahavuye yitaba Imana ku bitaro vyo mu Kibimba, aho yari yatwawe kuvurirwa.
Egide NDUWIMANA