Ngozi : Babiri baserukira abayoboka RWASA Agathon bafashwe

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 25 Mukakaro 2017 saa 01:18
Yasomwe : 10548
0 0

Abayoboke batatu b’umushingamateka RWASA Agathon bafashwe kuri uwu wa mbere n’uwutwara igendereza mu ntara ya Ngozi, bakaba bafatiwe mu bunywero bw’ahitwa mu Gashikanwa, muri iyo ntara ya Ngozi.

Abafashwe bose hamwe ni batatu, akaba ari Karori Bizimana arongoye urwaruka ruyoboka RWASA Agathon mu ntara ya Ngozi, Yeremiya NDORIYOBIJA ari mu rwego nyobozi rw’abo bayoboke hamwe na Christian Citegetse. Bose ni abigisha, bakaba bafashwe bagirizwa ko bariko batyoza ubutegetsi.

Abarongoye umugambwe FNL uyoboka RWASA Agathon mu ntara ya Ngozi bemeza ko abo bafashwe bariko baganira nk’abandi bose mu bunywero barimwo, bakamenyesha ko ata kindi bahorwa atari kuba ari abayoboke b’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi.

Bose bapfungiwe mu gasho k’igiporisi i Ngozi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha