IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Nyarugusu: Impunzi z’abarundi zisaba imfashanyo y’ibikoresho vy’ishuri

Nyarugusu: Impunzi z’abarundi zisaba imfashanyo y’ibikoresho vy’ishuri

mercredi 27 Nyakanga 2017

Amakuru ava mw’ikambi y’impunzi y’i Nyarugusu amenyesha ko ibikoresho vy’ishuri bikenye cane ari ibitabo vy’abanyeshuri, amakaye n’ibindi bikoresho nk’imyambaro y’abanyeshuri.

Abanyeshuri b’aho mw’ikambi i Nyarugusu bavuga ko bategerezwa kwiga intonde zimwe n’izo mu gihugu bavuyemwo, ariko ko bagira ikibazo c’ingene ibitabo bikoreshwa mu Burundi nabo bibashikira.

Ku ruhande rw’abavyeyi bafise abana mu mashuri aho mw’ikambi y’impunzi bavuga ko ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR ari nk’umuvyeyi agenzura ayandi mashirahamwe aba yatsindiye amasoko yo gukora ibikorwa bitandukanye, ariko ko rikorera ku vyegeranyo rihawe.

Abo bavyeyi bamenyesha ko bafise amakenga kuko babicishije mu makomite bahurikiyemwo bagerageza kwegera ishirahamwe HCR kugira rifashe ariko batazi iyo biherera.

Baba abavyeyi canke abana, basaba gufashwa no kuronswa ibikoresho vy’ishuri kugira nabo bakurikirane ivyigwa nk’abandi bana bari mu gihugu.

Gushika mu mpera z’ukwezi kw’umunani 2017, ishirahamwe mpuzamakungu ritanga imfungurwa PAM ryamenyesheje ko abarundi 320.000 aribo bari mu makambi y’impunzi atatu ari mu gihugu ca Tanzaniya, Nyarugusu, Nduta, na Mtendeli.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.