Accueil > Amakuru > ikiza > OMS-AFRIQUE : Abahitanwa n’umugera wa Sida baragabanutse gushika mu mpera za (...)
OMS-AFRIQUE : Abahitanwa n’umugera wa Sida baragabanutse gushika mu mpera za 2016
vendredi 1er décembre 2017
Dr Matshidiso Moeti yabishikirije mu gihe uno munsi kw’igenekerezo rya 1 Kigarama isi yama ihimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe kugwanya umugera wa Sida.
Dr Matshidio Moeti yavuze ko bafise umwizero ko gushika mu mwaka wa 2030 bazosezerera ico kiza ku rwego rwa Afirika.
Uyo aserukira OMS mu karere ka Afirika mu butumwa yashize ahabona ku bijanye n’uno munsi wahariwe kurwanya Sida yavuze ko buri kiremwa gifise uburenganzira ku magara ata kuraba imyaka,igitsina canke aho umuntu avuka.
Ubwo butumwa bubandanya buvuga ko igice kirenga c’abarwayi ba Sida ku rwego rwa Afirika, baronkejwe imiti ipfupfahaza Sida bituma bikingira ubuzima bw’abantu bashika imiriyoni 14 gushika mu mpera za 2016.
Dr Matshidio Moeti ahamagarira Reta zose gushira imbere amagara hamwe n’uburenganzira bw’abarwayi ba Sida kugira bitabweho bizotume hashika aho haboneka urunganwe ruzoba rutarangwamwo Sida.
Mwomenya ko uyo munsi wahariwe kurwanya umugera wa Sida kw’isi ku rwego rw’igihugu c’Uburundi wahimbarijwe mu ntara ya Kirundo.
Vianney BIKORIMANA