IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "ONU ikunda ubutegetsi bwica" - Evariste NDAYISHIMIYE

"ONU ikunda ubutegetsi bwica" - Evariste NDAYISHIMIYE

lundi 18 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ijambo yashikirije inyuma y’imyiyerekano yabaye kuri uwu wa gatandatu i Bujumbura, y’ukwiyamiriza ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe yamenyesheje ko hari ibindi vyateye ubwoba uwo mugambwe kurusha ivyo. Uwo mugambwe wagiriza ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko rishigikiye ubutegetsi bwica, kuko mu magume Uburundi buhitiyemwo iryo shirahamwe ataco ryigeze rishikiriza.

"Mu magume duhiyemwo, aho hari ama Reta yica abanyagihugu akabatoteza mwarigeze mwumva ONU ivuga ijambo na rimwe? Vyerekana ko ari ONU yaba yabatumye. ONU rero ikunda ubutegetsi bwica, iyaba yakunda ubutegetsi butabara abanyagihugu, ONU iba ishigikiye CNDD FDD. Ivyo umuntu akora nivyo vyerekana ico ari."

Evariste NDAYISHIMIYE asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko ritohirahira ngo ryemeze ico cegeranyo, kuko iryo shirahamwe rizoba ryisambuye ryonyene, kubw’uwo munyamabanga mukuru wa CNDD FDD.

"Nshaka ndayisabe ikintu kimwe. Ntihirahire ngo yemere kirya cegeranyo, kuko nibacemeza kizoba impfagusa bamaramare. Aha bazodupfunga kweri? Aha baravuze bati abarongozi ba CNDD FDD babatondeshe umurongo babajana i La Haye?"

JPEG - 55.7 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Evariste NDAYISHIMIYE avuga kandi ko n’abaporisi ba ONU bazoza gufata abategetsi b’Uburundi bazoba baronderwa na Sentare y’i La Haye, mu mugambwe CNDD FDD bazobarwanya.

"Nibaze tuzobarwanya, mu nasaha abiri bizoba vyaheze. Nta munyamahanga azosubira kuduhonyanga. Ibi bariko baragira ni umugambi w’ukugumura isi kugira idutere. Dufise Imana izobatsinda. Ni aka nyuma, intsinzi yamaze kumota. Twebwe twavuye habi, ntituzosubira aho habi, tuzokwemera twitangire igihugu cacu hako dusubira gucurwa bufuni na buhoro. Tuzorwana gushika kuwa nyuma, ariko abana bazovuka bazovukira mu gihugu cigenga. Umugambwe CNDD FDD ni Imana yawushizeho. Kirazina gusambura ico utubatse."


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Mbega ubujuju bw’abarongoye umugambwe CNDD-FDD butangurira he bugahereza he? Aho Evariste yibaza ngo amakosa bakoze ko abo mubona mwibarabara bayashigikiye? Rindira aho bukera nibo nyene bazobibohera. Nayo gufata umwambaro n’idarapo vya FDD-CNDD babigira kubera baba batewe ubwoba. Binyibukije ca gihe ca FRODEBU bayicura bufuni na buhoro. Hageze gutora hakoze "IKIRIKUMUTIMA"

  • Iyo myiyerekano ntaco ivuze,mushake murare murayo mabarabara CPI irabakorerako mbere ya le 27 Octobre 2017murindire gatoyi

  • Biragaragara ko Evariste Ndayishimiye afise ubwoba bwinshi,amaraso mwamernye y’inzirakarangane niyo ari kubayerereza mu mabarabara erega tout se paie ici bas,CPI nyaragasa nyaragasa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.