Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pascal BARANDAGIYE yasavye ko umugambwe MSD wofutwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Pascal BARANDAGIYE yasavye ko umugambwe MSD wofutwa

Pascal BARANDAGIYE yasavye ko umugambwe MSD wofutwa

mardi 22 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ikete Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yandikiye umukuru wa Sentare ntahinyuzwa, yamubwiye ko abanywanyi b’umugambwe MSD babandanya kwerekana ingendo y’ubugizi bwa nabi hamwe n’urwanko. Umushikiranganji BARANDAGIYE akavuga ko atari irya mbere abo banywanyi bigenza uko, kuko no mu mwaka w’2014 uwo mugambwe wari wafatiwe ibihano wagirizwa gukubagura, gukubita hamwe n’ukwaka inkoho abaporisi b’igihugu, mu mishamirano yabaye kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014, ku cicaro gikuru c’umugambwe MSD mu gisagara ca Bujumbura.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yagiriza umugambwe MSD ko warenze amategeko abuza umugambwe kuja mu bikorwa vy’imirwi yitwaje ibirwanisho ihungabanya umutekano.

JPEG - 126.1 ko
Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu avuga kandi ko kuva mu mwaka w’2009 umugambwe MSD wemerewe gukorera ku mugaragaro, uwo mugambwe utarerekana icegeranyo c’amafaranga ukoresha. Pascal BARANDAGIYE akaba yasavye ubutungane bw’Uburundi ko bwokwemeza ko umugambwe MSD ufuswe mu migambwe ikorera mu Burundi.

Umugambwe MSD wahora mu bihano vy’amezi atandatu udakora. Muri ico kiringo,iIbikorwa vy’uwo mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA vyarahagaritswe kw’itegeko ry’umushikiranganji BARANDAGIYE Pascal.

Iryo tegeko ry’umushikiranganji ryavuga ko n’inyubakwa z’aho uwo mugambwe ukorera mu gihugu cose zugarwa mu gihugu cose.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwari bwasiguye ko uwo mugambwe ufatiwe ivyo bihano kubera umukuru wawo, Alexis SINDUHIJE yavugiye ku mugaragaro ko agiye gutanguza umurwi witwaje ibirwanisho urwanya Reta y’Uburundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.