RWASA Agathon yagirijwe ko ariko ategura intambara

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 28 Mukakaro 2017 saa 03:22
Yasomwe : 74925
0 0

Jacques BIGIRIMANA, umukuru w’umugambwe FNL yagiriza umushingamateka RWASA Agathon ko yafashe inzira y’intambara izotangurira mu ntara ya Bujumbura rural hamwe no mu gisagara ca Bujumbura. Muri uwo mugambwe bavuga ko amanama y’ugutegura iyo ntambara atunganwa, kandi ko n’ibirwanisho bitangwa. Jacques BIGIRIMANA amenyesha ko afise ivyemeza vy’amanama akoreshwa mw’ijoro.

Jacques BIGIRIMANA yashikirije ivyo mu gihe umushingamateka RWASA Agathon amaze iminsi yerekana amakenga afise ku mutekano wiwe, mbere akavuga ko hari n’umugambi w’ukumugandagura canke kumupfunga uriko urategura.

Mu rwandiko yasohoye, Jacques BIGIRIMANA siko abibona : "RWASA Agathon avuze ko umutekano wiwe ugeramiwe aba ariko ategura ubwicanyi, kuko mu minsi mike uja wumva bateze imitego mw’ibarabara, muza mwumva abantu bishwe. N’ubu muze mwumvirize muri iyi minsi ntimuzoreka kwumva abantu bishwe. Kuva tukiri kumwe niko twabikora. Uwo niwo mutego twakoresha. Reta y’Uburundi munyumve, dufise amakuru ko yasubiriye mu bikorwa vy’ubwicanyi", aho BIGIRIMANA akavuga ko hari abanywanyi ba RWASA bafatanwa ibirwanisho.

JPEG - 102.3 ko
Jacques BIGIRIMANA, umukuru w’umugambwe FNL

Mu rwandiko yarungikiye umukuru w’igihugu, n’ivyegera vyiwe bibiri, umukuru w’inama nshingamateka hamwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka, Jacques BIGIRIMANA yasavye inama nshingamateka, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane ko bwofata ingingo zikenewe mu maguru masha, kuri ivyo vyagirijwe RWASA Agathon, icegera c’umukuru w’inama nshingamateka.

Ntiturashobora kuronka RWASA Agathon canke umuvugizi wiwe, kugira bagire ico bavuze kuri ivyo vyashikirijwe na Jacques BIGIRIMANA.


Kumenyekanisha

1
NKEBUZO 5-08-2017 à 06:46

RETA IRATUREREKERAKO UMWICANYI NKA JACQUES ANAVYIYENERERA NIBAMUFATE BITERE AGATEKA NAYO RWASA BAMUVEKO

2
MAHORO 2-08-2017 à 10:49

Ok!!! Nyoma ya mandat ya gatatu mwihagiye,amabi yakweze ,ubukene butagira izina mwadutayemwo,ubu naho mugomba gutegura indi mandat ,mu mwaka wa 2020 ,mu gukura ,kwangaza ,no gufunga ,tutibagiye kuzimanganya ubuzima bw’abadashigikiye iyo migambi mibisha yanyu ,mwa bagabo mwe!!! Sigaho,kuko kwiruka inyuma ya Rwasa vyobahomvya cane kusha ivyo mwokunguka!

3
BUSURAHENDE 30-07-2017 à 12:52

Nashaka nshimire cane bimwe bivuye ku mutima kubona nshobora rimwe na rimwe gutanga iciyumviro kandi kikagaragara kuri runo rubuga. Hanyuma ndabasabe muntohoreze ingene nanje nokwandikira 1: Umukuru w’Igihugu, 2. Ivyegera vyiwe 2, 3. Abakuru b’Inama Nshingamateka na Nkenguzamate. Hari ibintu bibankiye ku mutima nashaka kubashikiriza biruta ivyo J.BIRIMANA yabashikirije, gusa sinzi aho nocisha ubwo butumwa kugira bubashikire. Muzoba mukoze.

4
Nyandwi Patrice Magnus 30-07-2017 à 09:31

Ko Agathon Rwasa yigenza uko ntawe vyotangaza kuko asanzwe ari sa mwana ahiye mu kwaha. Ariko rero ni vyizako duhabwa ibimenyamenya vy’iyo nkuru kuko si vyiza gupfa kwagiriza umuntu gratuitement.

5
tripoli 29-07-2017 à 21:00

ahubwo jewe ndatangaye ingene umuntu nkuyo ngo ni jacques.ngobakirikumwe niko babikora.ahubwo leta ifate uwo nyene niwe agira ibitero akavyitirira rwasa.birumvikana ko amwanka.

6
victoir 29-07-2017 à 20:31

aho rero murondere inyendamuvano mumwice ariko ntamuntu azomara imyaka 100? muzopfana ivyaha mwabivume mwe muzoyerera nkakayini

7
victoir 29-07-2017 à 20:31

aho rero murondere inyendamuvano mumwice ariko ntamuntu azomara imyaka 100? muzopfana ivyaha mwabivume mwe muzoyerera nkakayini

8
Félix 28-07-2017 à 22:33

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha