IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Reta isabwa gufasha kugira ikarata karangamuntu itangwe ku buntu

Reta isabwa gufasha kugira ikarata karangamuntu itangwe ku buntu

mercredi 7 février 2018

Mw’itangazo ry’umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri ryo kuwa kabiri igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2018, uwo mugambwe usaba abajejwe intwaro ku rwego rw’amakomine kworosha igikorwa co gutanga karangamuntu, biciye mu gutangisha amafaranga azwi n’amategeko.

Muri iryo tangazo, umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye usaba Reta gufasha kugira ikarata karangamuntu itangwe ku buntu, gutyo abazokwitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshimgiro bazobe benshi.

Umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye, umenyesha ko wamaze kubona ko igice kinini c’abafise imyaka iri hagati ya 16 na 18, na cane cane abanyeshuri ata karangamuntu bafise, ugasaba ababijejwe gufata ingingo zose zishoboka kugira uwo muce w’abanyagihugu ntuzoreke kwiyandikisha.

Muri iryo tangazo, umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye usaba abanyagihugu babuzwa n’ababarongoye kwitaba amatora na cane cane abiyitirira ko bakurikiza Iragi rya Ndadaye kwibuka ko amatora ari kimwe mu nkingi z’intwaro rusangi, afasha kandi gushikiriza ivyiyumviro k’ubuzima bw’igihugu.

JPEG - 31.4 ko
Kefa NIBIZI,Umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Iragi rya Ndadaye

Umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri Iragi rya Ndadaye urangiza uvunira akagohe abanyaporitike bagikekeranya, ko ibwirizwa nshingiro ryahinyanyuwe rishingiye ku ntwaro rusangi igezweho, iyo abanyaporitike bose bakwiye kumenyera.

Uwo mugambwe uhamagarira abanyeporitike bahunze kugaruka mu gihugu, kugira bafashanye n’abandi kucubaka.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.