IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Reta y’Uburundi yasavye Tanzaniya guhagarika abaronderwa n’ubutungane bari i (...)

Reta y’Uburundi yasavye Tanzaniya guhagarika abaronderwa n’ubutungane bari i Arusha

vendredi 17 Ruhuhuma 2017

Reta y’Uburundi ibicishije ku buserukizi bwayo i Dar-Es-Salaam mu gihugu ca Tanzaniya yasavye Reta ya Tanzaniye guhagarika abarundi baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi bitavye ibiganiro biriko bibera i Arusha kuva kuwa kane inegekerezo rya 16 Ruhuhuma,umwakwa wa 2017.

Mw’ikete ubuserukizi bw’Uburundi i Dar-Es-Salaam bwanikiye umushikiranganji w’imigenderanire ya Tanzaniya hamwe no gufashanya mu karere ka Afrika y’Ubuseruko,ubwo buserukizi bumenyesha ko hari abarundi bari mu gihugu ca Tanzaniya kandi baronderwa n’ubutungane.

Amakuru ava i Arusha amenyesha ko Reta y’Uburundi ibicishije ku buserukizi bwayo i Dar-Es-Salaam yashaka ko Reta ya Tanzaniya yohagarika abahurikiye mu runani rurimwo imigambwe itavuga rumwe na Reta CNARED.

Ayo makuru nyene amenyesha ko umufasha mu biganiro bihuza abarundi Benjamin William Mkapa yamaze kuremesha abo barundi, ko botekana kuko badahagarikwa.

Bitegekanijwe ko ibiganiro vyatanguye kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma,umwaka wa 2017,bizohera kuwa gatandatu igenekerezo rya 18 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, hasohotse itangazo rimenyesha ivyavuye muri ivyo biganiro.


IGIHE

Messages

  • Nibabacakire kuko iminwa yabo iragisibije mukubesha nabazungu babereye mubihugu vyabo babarambiwe basanzwe bagomba kubatanga vubaha.

  • Ubwo butungane nubwahe? Bumwe bakorera kuri Baranyica? Canke bumwe bucira Imanza ababorejwe igufa bariko baravirirana. Barabanza bahagarike imbonerakure zigaburira amavyi ikiremwa muntu canke ka karwi kaba dd kagejwe gukona abagore bo muri bwakwoko barwanya. Hanyuma uretse ko bibagirwa vuba , ivyo bakorera kuri RN1 ntawutabizi eka nurya mugabo yashingagira ama mine mu mabarabara ya Bujumbura ntawamubujije gutaha. Nayo abo mushaka gufatisha ni Bamukore umbone.. Mwamenyereye KWICA no KWIBA ark harigihe bitazobakundira.

  • mbega ahobasaba ngo bahagarike abaronderwa kuri reta ya buyoya ntawayiserukira Tanzania yarigusaba bakayifatira aba fdd bariko baronderwa nubutungane? ikirenge baciyemwo reka bagicemwo abarundi bave mukigoyi kibahanze nko muri Gambia imana sumuntu ngo ibeshe twese dukwiye kubana

  • @Buzovayo! ndagukengurukiye cane uvuze ukuri,DD barasaze ntibazi ico arico Diplomatie bavuga ivyo bishakiye nta gutekereza kabiri

  • Ariko jewe abantu murantenza!
    Nibabafata canke bareke igikuru nuko twamaze kwiyeneza kotuzohangana mbese imwaka myishi yemwe nuwuzobashigikira tuzojaniranya.
    Mwibuke muntambara zamoko abakoroni baribaradushizemwo kotwazimazemwo igihe kinini zarabuze gica ubuhoho izomujeri tuzozihasha canke nizaguma zishigikiwe nabamwe mubazungu zihinduke virusi nka AL Shabbab tuzogume duhasha gakegake. Ariko abobakoze kudeta tuzokwicarana babanje guca imbere yubutungane, maze bezwe canke bahanwe.

    Kuwavuze ngo Tanzania yarigufata aba DD muricagihe cibiganiro hariho kudeta baribarakoze?

  • Nibagerageze Bumvikane Abanyepolitike Bose Kugira Twebwe Abarundi Bato Bato Ntitubandanye Tugwa Mu Mporero

  • hutsi tahurako coudetat iza kuntambara bivanye nivyo barondera nubwo utangakarorero kicogihe aba fdd batari bayikubise nivyo ariko barimuntambara bakora ivyaha vyintambara kandi birahanwa cokimwe nuwogira kudeta nivyo nivyaha rero ko bose bakoze ivyaha nuko hoba guhinduka bakabana kandi ntuzonywe ikivuguto mwenewanyu arara hanze inkoko irara hanze ikaba inkware kugwana ntamuti bizana abasoda ba Gambia umbwambere bavugako bazogwanira jameh muga babonye umunwa winkoho uturutse Senegal babwiye perezida ntamaraso dusesa nivyo uvugako uzotwangana nubashigikiye ntibizoroha umubindi uba munini uwundi utaraza.

  • Barabura gufata ibinywamaraso vyaba DD n’Imbonerakure n’Interahamwe nkaba Hutsi hama ngo ngw’iki?

  • Emwe Iyo Nama Ngirango Yogira Icivuyemwo Kuko Uburundi Burarembejw Ninza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.