IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ububirigi bwagirijwe kugira uruhara mu mabi yakorewe Abarundi

Ububirigi bwagirijwe kugira uruhara mu mabi yakorewe Abarundi

vendredi 30 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD amenyesha ko Ububirigi aribwo bunyegeje abaronderwa n’ubutungane, uwo mugambwe ukavuga ko ivyo bifise intumbero y’ukuburabuza ubutungane bw’Uburundi.

"Nta handi abicanyi karuhariwe baronderwa n’ubutungane bw’i Burundi basasirwa indava atari mu Bubirigi mugabo ukumva ngo ibihugu vyose kw’isi birwanya kudahana. Ububirigi burafasha kandi abakora ubwicanyi mu Burundi."

Uwo mugambwe umenyesha kandi ko unegura ingendo ya bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi na cane cane abaserukira Ububirigi, bakabagiriza ko aho gushigikira Reta n’inzego zihari, bifadikanya n’abashatse gutembagaza ubutegetsi. Aho Evariste NDAYISHIMIYE akagira ati : "Umuntu yokwibaza ingene ubwo Bubirigi bwashoboye kuguma bufasha intwaro za karyanishamiryango ariko bakananirwa gukorana n’ubutegetsi bwitorewe n’abenegihugu. Ico ni ikimenyetso kitabesha ko ubwo butegetsi bwakorera ku ndinganizo y’Ababirigi. Ni ukuvuga kuryanisha imiryango."

JPEG - 100.7 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Mw’itangazo ryashikirijwe n’umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD kuri uwu wa gatanu, Evariste NDAYISHIMIYE yasavye Reta y’Uburundi ko yoshira ahabona amatohoza yakozwe ku bwicanyi bw’Abarundi Ububirigi bwagizemwo uruhara, harimwo n’urupfu rw’umuganwa Rudoviko RWAGASORE. Kubwa NDAYISHIMIYE Evariste, Ububirigi bugerageza kurondera ingene ukuri kutomenyekana.

"Birababaje kubona Ububirigi buguma burondera kudurumbanya Uburundi kugira ukuri ku mabi bwakoreye Abarundi ntikumenyekane. Umugambwe CNDD FDD usavye Reta y’Uburundi gushira ahabona amatohoza yakozwe kw’igandagurwa ry’umuganwa Rudoviko RWAGASORE, hamwe n’ubwicanyi bwakozwe mu Burundi bushigikiwe n’Ububirigi, kugira ubutungane bukore igikorwa cabwo."

Umugambwe CNDD FDD wasavye kandi ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko ryokebura ibihugu vy’Urwanda n’Ububirigi, kugira ivyo bihugu bimenye k imigenderanire ishoboka ibihugu vyose bisoneranira.

"Vyongeye nta wuserukira igihugu igihugu ciwe ashobora kwigenza nk’uwurwanya bw’igihugu yarungitswemwo."


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.