Rutana: Imvura ivanze n’urubura yahitanye amazu n’imirima

Yanditswe na IGIHE
Kuya 27 Nzero 2017 saa 09:16
Yasomwe :
0 0

Inzu 22 hamwe n’urusengero nivyo vyasambutse bihitanywe n’imvura ivanze n’urubura yaguye muri Komine ya Musongati,iri mu ntara ya Rutana,kuri uno wa kane igenekerezo rya 26 Nzero umwaka wa 2017.
Iyo mvura yaguye inyuma y’umutaga kuwa kane,yarononye kandi imirima y’ibiterwa vy’ibigori n’ibiharage ifise uburebure bw’amahegitare atari make.
Abanyagihugu bo muri ako karere basaba abagiraneza bose babishoboye kubafasha kuko batabona ingene bagiye kubandanya babaho,mu gihe bari bizeye gutungwa (...)

Inzu 22 hamwe n’urusengero nivyo vyasambutse bihitanywe n’imvura ivanze n’urubura yaguye muri Komine ya Musongati,iri mu ntara ya Rutana,kuri uno wa kane igenekerezo rya 26 Nzero umwaka wa 2017.

Iyo mvura yaguye inyuma y’umutaga kuwa kane,yarononye kandi imirima y’ibiterwa vy’ibigori n’ibiharage ifise uburebure bw’amahegitare atari make.

Abanyagihugu bo muri ako karere basaba abagiraneza bose babishoboye kubafasha kuko batabona ingene bagiye kubandanya babaho,mu gihe bari bizeye gutungwa n’ivyimburwa vyo mu mirima navyo bikaba vyarononekaye.

Abajejwe intwaro muri ako karere bamenyesha ko inyuma yo guharura ivyononekaye bazoca bashikiriza icegeranyo ubushikiranganji bwo gufatana mu nda ,kugira bufashe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha