Ruyigi : Abigisha bo kw’ishuri rya Komine Muhwazi bahagaritswe n’igiporisi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 décembre 2017 saa 03:13
Yasomwe : 17271
0 0

Abigisha 12 bose bigisha kw’ishuri ryisumbuye rya komine Muhwazi, muri komine Nyabitsinda,intara ya Ruyigi,hamwe n’abaserukira abandi mu mashuri bahagaritswe n’igiporisi mu gatondo ko kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 4 Kigarama 2017.

Amakuru ava mu banyeshuri bo kw’ishuri ryisumbuye rya Komine Muhwazi bamenyesha ko inyanduruko ya vyose ari yegereyegere y’abanyeshuri yabaye mu gatondo ko kur’uyu wa mbere.

Abo banyeshuri bavuga ko iyo yegereyegere yari ifise intumbero yo gusaba umuco ku mafaranga yoba yarongerejwe ku mafaranga y’ishuri basanzwe batanga, hamwe no gusaba ko urutonde rw’ingene bazokora ibibazo vy’igice ca mbere rwohindurwa kuko ibibazo vyegeranye ari vyinshi.

Baba abo bigisha canke abo banyeshuri bahavuye baca batwarwa ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi ; amakuru ava mu miryango yabo amenyesha ko boba bagiye gupfungirwa mu gasho ka komisariya y’igiporisi.

Abo mu miryango yabo bigisha nabo banyeshuri bahagaritswe, basaba ko ababo barekurwa, kuko ico kibazo kitari gikwiye gushika mu nzego z’umutekano ariko vyari kuba vyiza gitorewe umuti n’ubuyobozi bw’ishuri.

Ivyo bibaye mu gihe ku mashuri menshi yisumbuye mu gihugu, ibibazo nyezina vyatanguye kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 4 Kigarama 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha