IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > SYNATEF ntishimishwa n’ingingo yo guhagarika agashirukabute bahora (...)

SYNATEF ntishimishwa n’ingingo yo guhagarika agashirukabute bahora bahabwa

jeudi 29 Kigarama 2016

Sendika y’abakozi bakora mw’ishuri nshingiro SYNATEF imenyesha ko itewe impungenge n’ingingo yo guhagarika agashirukabute kahora gahabwa abakozi bamaze imyaka 15 canke irenga bakora mu gisata c’ishure nshingiro.

Nkuko bishikirizwa n’umukuru wa sendika SYNATEF Victor NDABANIWE, Reta na Sendika bari bumvikanye ko agashirukabute gatangwa ku mwaka ku mwaka ariko gahagarikwa mu ntumbero yo gushigikira Reta mu mugambi wo gushigikira ihinduka mu gisata c’inyigisho.

Victor NDABANIWE amenyeshako Sendika arongoye ibikurikiranira hafi,kandi ko itangazwa nuko mw’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2017,mu ngingo yaryo ya 22 ivuga ko agashirukabute gahabwa abakozew imyaka 15 n’iyirenga kazohagarikwa ngo gashigikire umugambi w’ishuri nshingiro.

Umukuru wa Sendika SYNATEF asaba ko iyo ngingo yosubirwamwo,hakaba kandi ibiganiro hagati ya Sendika na Reta.


IGIHE

Messages

  • Nawapa pore, murashima munaronse nagashahara mwahora muronka, iyo nintango kwa nkurunziza ntaho mumenya niwe muntu wambere dufise kwisi nzima adashima uwoterimbere!, rindira akataraza karacarinyuma.

  • Nawapa pore, murashima munaronse nagashahara mwahora muronka, iyo nintango kwa nkurunziza ntaho mumenya niwe muntu wambere dufise kwisi nzima adashima uwoterimbere!, rindira akataraza karacarinyuma.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.