Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sahwanya FRODEBU Nyakuri yasavye ko amatohoza ku bishe NDADAYE atokorwa na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Sahwanya FRODEBU Nyakuri yasavye ko amatohoza ku bishe NDADAYE atokorwa na (...)

Sahwanya FRODEBU Nyakuri yasavye ko amatohoza ku bishe NDADAYE atokorwa na CVR

vendredi 20 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe kuri uwu wa gatandatu Uburundi buzokwibuka imyaka 24 iheze umukuru w’igihugu NDADAYE Melchior yari yatowe n’abanyagihugu agandaguwe, umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI avuga ko bitumvikana ko hari guhanwa gusa abatumwe gukora ico caha, ababatumye nabo bakaba bantakorwako. Reta y’Uburundi yasabwe ko yobandanya gutohoza, kugira Abarundi bamenye ko ata bihugu mvamakungu bifise uruhara mw’igandagurwa rya NDADAYE Melchior.

Keffa NIBIZI, umukuru w’uwo mugambwe asaba Reta y’Uburundi ko amatohoza ku rupfu rw’umukuru w’igihugu atokorwa mu kivunga n’umurwi ujejwe kumenyesha ukuri n’ukunywanisha Abarundi.

"Dusavye ko urubanza rw’abagandaguye NDADAYE Melchior rwokurwa mu mabi umugwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira CVR uriko uratohoza, gutyo ubutungane bw’Uburundi bukabandanya igikorwa cabwo."

JPEG - 252.9 ko
Keffa NIBIZI (i buryo), umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU Iragi rya NDADAYE

Umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI avuga ko bimwe mu nkingi za Demokarasi yarondewe na NDADAYE Melchior ari amatora, akaba asaba abanyeporitike kudahitamwo inzira y’inguvu kugira ivyiyumviro vyabo vyumvikane.

"Turateye akamo vy’umwihariko aba bose bahevye amatora bagahitamwo inzira y’igikenye kugira bumvikane ivyiyumviro vyabo canke kugira bashikire ubutegetsi. Turabakebuye ngo bikubite agashi bagaruke mu nzira za Demokarasi mu ntumbero yo gusonera incungu ya Demokarasi twabuze tutanka. Turakebuye rero abaterekwa demokarasi bose, tubasaba kuva ibuzimu bakaja i buntu kuko abarundi batazokwemera gusubira inyuma."

Umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI utera akamo abarundi bose bahungiye hanze y’igihugu, na cane cane abanyeporitike, ko bogaruka mu gihugu cabibarutse kugira bafashanye n’abandi barundi kwubaka "Uburundi bushasha" bwatangajwe na NDADAYE Melchior, mw’ijambo yashikirije yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’1993.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Agapfuye kabazwa ivu, muzi abanyeshure bapfiriye mu Kibimba kandi bishwe naba Frodebu,wewe Keffa Nibizi bandanya ukorera DD izokugarika nibereye ngaha

  • Kararuza,akazi watumwe canke wihaye ko guca intege uwo wesi atanze iciyumviro co gukunda lgihugu ntuzogashobora Teshwa ute kandi niwashishoza neza uzosanga aba radicaux musigaye muri k,urushi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.