Accueil > Amakuru > Poritike > Sahwanya FRODEBU Nyakuri yasavye ko amatohoza ku bishe NDADAYE atokorwa na (...)
Sahwanya FRODEBU Nyakuri yasavye ko amatohoza ku bishe NDADAYE atokorwa na CVR
vendredi 20 Gitugutu 2017, par
Mu gihe kuri uwu wa gatandatu Uburundi buzokwibuka imyaka 24 iheze umukuru w’igihugu NDADAYE Melchior yari yatowe n’abanyagihugu agandaguwe, umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI avuga ko bitumvikana ko hari guhanwa gusa abatumwe gukora ico caha, ababatumye nabo bakaba bantakorwako. Reta y’Uburundi yasabwe ko yobandanya gutohoza, kugira Abarundi bamenye ko ata bihugu mvamakungu bifise uruhara mw’igandagurwa rya NDADAYE Melchior.
Keffa NIBIZI, umukuru w’uwo mugambwe asaba Reta y’Uburundi ko amatohoza ku rupfu rw’umukuru w’igihugu atokorwa mu kivunga n’umurwi ujejwe kumenyesha ukuri n’ukunywanisha Abarundi.
"Dusavye ko urubanza rw’abagandaguye NDADAYE Melchior rwokurwa mu mabi umugwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira CVR uriko uratohoza, gutyo ubutungane bw’Uburundi bukabandanya igikorwa cabwo."
- Keffa NIBIZI (i buryo), umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU Iragi rya NDADAYE
Umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI avuga ko bimwe mu nkingi za Demokarasi yarondewe na NDADAYE Melchior ari amatora, akaba asaba abanyeporitike kudahitamwo inzira y’inguvu kugira ivyiyumviro vyabo vyumvikane.
"Turateye akamo vy’umwihariko aba bose bahevye amatora bagahitamwo inzira y’igikenye kugira bumvikane ivyiyumviro vyabo canke kugira bashikire ubutegetsi. Turabakebuye ngo bikubite agashi bagaruke mu nzira za Demokarasi mu ntumbero yo gusonera incungu ya Demokarasi twabuze tutanka. Turakebuye rero abaterekwa demokarasi bose, tubasaba kuva ibuzimu bakaja i buntu kuko abarundi batazokwemera gusubira inyuma."
Umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI utera akamo abarundi bose bahungiye hanze y’igihugu, na cane cane abanyeporitike, ko bogaruka mu gihugu cabibarutse kugira bafashanye n’abandi barundi kwubaka "Uburundi bushasha" bwatangajwe na NDADAYE Melchior, mw’ijambo yashikirije yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’1993.
Egide NDUWIMANA
Messages
20 Gitugutu 2017, 14:33, par Kararuza
Agapfuye kabazwa ivu, muzi abanyeshure bapfiriye mu Kibimba kandi bishwe naba Frodebu,wewe Keffa Nibizi bandanya ukorera DD izokugarika nibereye ngaha
22 Gitugutu 2017, 04:48, par Bastien
Kararuza,akazi watumwe canke wihaye ko guca intege uwo wesi atanze iciyumviro co gukunda lgihugu ntuzogashobora Teshwa ute kandi niwashishoza neza uzosanga aba radicaux musigaye muri k,urushi