Sendika SEPEDUC isaba ko igikorwa co gukwiragiza abigisha cosubirwamwo

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 3 Gitugutu 2017 saa 01:29
Yasomwe : 3987
0 0

Sendika y’abigisha SEPEDUC : (Syndicats des Enseignants professionnels) isaba ko igikorwa co gukwiragiza abigisha mu mihingo itandukanye y’igihugu cosubirwamwo kuko cakozwe nabi ufatiye ku vyisunzwe muri ico gikorwa, kuko hari abarungitswe gukorera mu yindi mihingo usanga ifise abigisha benshi gusumba aho bavuye.

Gerard NIYONGABO aserukira SEPEDUC amenyesha ko gufata umuntu atubatse ko ariwe aca yunguruzwa bitubahariza agateka ka zina muntu kandi ko ataho vyanditse mu mategeko agenga abakozi n’akazi .

Gerard NIYONGABO agira ati : «Ugufata umuntu atubatse ko ariwe aca ahindura aho akorera ntivyisunga agateka ka zina muntu kuko ataho biri mu mategeko y’igihugu agenga abakozi n’akazi, ntiyoca ahanwa ngo nuko atarubaka, umwigisha avuye kw’ishure iyo agiye aguma ari mushasha ku buryo ariwe azoguma yunguruzwa kuko aho ashitse aguma ari mushasha ».

Uwo aserukira SEPEDUC ashikiriza ko abayobozi b’amashure hamwe n’abayobozi mu ntara batagishijwe inama muri ico gikorwa bikaba vyatumye abigisha bagenda gukorera kure yabo kandi hafi y’abo abigisha bari bakenewe na cane cane ku mashure nshingiro.

Gerard NIYONGABO atanga akarorero ku bavuye muri komine Songa barungikwa i Karusi kandi hagufi yabo vyari gukunda ko aronka akazi. Ubundi burorero atanga nubwo mu ntara ya Mwaro kw’ishure shingiro rya Muramba commune Ndava aho abigisha baho bajanywe ahitwa mu Gatwe aho abayobozi bonyene bemeza ko abo bigisha batari basabwe hamwe na komine Bisoro aho kw’ishure nshingiro rya Kibika yafashe umwaka w’9 awurungika ku rindi shure kuko yabuze abigisha kandi iyo komine yari avuyemwo abigisha bagenda kwigisha ahandi mu zindi ntara.

Gerard NIYONGABO asaba ivyafatiweko mu gukwiragiza abigisha aho bakenewe ko vyosubirwamwo kugira vyirwe neza bongere bakore icigwa c’ibikenewe mu bigisha mu gihugu cose kugira umwigisha aje kure aruko hafi yaho ahereye bidashoboka uhereye kuri Komine gushika mu ntara imbere y’uko batandukira hanze y’intara.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha