IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Sindimwo:’’ Ubushikiranganji bw’umutekano bwarakoze kugira umutekano uboneke (...)

Sindimwo:’’ Ubushikiranganji bw’umutekano bwarakoze kugira umutekano uboneke mu gihugu’’

lundi 13 Ntwarante 2017

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO amenyesha ko ibirwanisho bigizwe n’inkoho, ibisasu ntenzwantoki(Grenades) hamwe n’amabombe arivyo vyafashwe n’igipolisi mu mwaka uheze wa 2016.

Ari imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi kuri uno wa mbere igenekerezo rya 13 Ntwarante,umwaka wa 2017 kugira ashikirize ivyaranguwe n’ubushikiranganji bukukira ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston SINDIMWO yavuze ko ubushikiranganji bw’umutekano bwakoze uko bushobora kwose kugira amahoro aboneke mu gihugu.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ariko ko hari ubugizi bwa nabi bucibonekeza na cane cane ubujanye n’amatati y’amatongo, izindi ndyane zishingiye ku mibano,ubusuma bukorwa n’abitwaje ibirwanisho, ubujanye n’ibiyayuramutwe, hamwe n’urudandazwa rw’abantu.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yavuze ko muri iyo ntumbero nyene ubushikiranganji bw’umutekano bwafashe inkoho 209, ibisasu ntezwantoki (Grenades) 419,ibisasu binini binini 16 , hamwe n’amahinguriro akora inzoga zitemewe n’amategeko 109 yasambuwe.

Mu bijanye n’intwaro,icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yavuze ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu bwatunganije inyigisho ku banyagihugu zo gukunda no gukundisha igihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.