IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Thacien SIBOMANA yakuwe mu mabanga yo kuvugira umugambwe UPRONA utemewe (...)

Thacien SIBOMANA yakuwe mu mabanga yo kuvugira umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi

dimanche 15 Nzero 2017

Umuvugizi w’umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi Thacien SIBOMANA yarahagaritswe muri ayo mabanga n’umukuru w’uwo mugambwe Charles NDITIJE.

Ingingo ihagarika Thacien SIBOMANA yasohotse mw’ijoro ryo kuwa kane igenekerezo rya 13 Nzero 2017.

Amakuru ava mu begereye umugambwe UPRONA avuga ko Thacien SIBOMANA yakuwe muri ayo mabanga ,inyuma y’ivyo yashikirije ku butumire bw’umuhuza mu matati y’abarundi Benjamin Mkapa ,mu biganiro vyo guhanahana ivyiyumviro ku matati ari mu Burundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.