UPRONA : Intererano isabwa ku matora ya 2020 ntiyoba itegeko

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 15 Nyakanga 2017 saa 09:41
Yasomwe : 14112
0 0

Umugambwe UPRONA ushikiriza ko ushigikiye ko Abarundi baterera mu matora azoba mu mwaka w’2020, ariko ko intererano isabwa itoba itegeko ku munyagihugu.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA, Olivier NKURUNZIZA amenyesha ko iciyumviro Reta y’Uburundi yafashe co guhamagarira abanyagihugu guterera kugira igihugu gitunganye ubwaco amatora ko ari umugambi mwiza ku gihugu, kuko igihugu cama gitunganya amatora uko imyaka 5 iheze kitoguma cizeye imfashanyo kugira amatora abe.

JPEG - 104 ko
Olivier NKURUNZIZA, Umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA

Uwo munyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA avuga ko kubona abari basanzwe bafasha Uburundi baranse gutanga intererano yabo mu matora ya 2015, ko vyatumye igihugu gihakura icigwa co kumenya kwibako.

Olivier NKURUNZIZA asaba ko iyo ntererano y’amatora itoba itegeko, ahubwo umunyagihugu abikore ku gushaka kwiwe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha