IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Uburundi n’Ubushinwa biyemeje gukomeza imigenderanire

Uburundi n’Ubushinwa biyemeje gukomeza imigenderanire

vendredi 12 Rusama 2017

Inyuma y ‘umubonano umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yagiranye na Li Yuanchao icegera c’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa ku mugoroba wo kuri uno wa kane igenekerezo rya 11 Rusama,umwaka wa 2017, Li Yuanchao yamenyesheje ko Ubushinwa buzobandanya gukorana n’Uburundi mu ntumbero yo gukomeza ukwizerana mu bijanye na politike , gukomeza imigendenderanire , no guhanahana abanyagihugu.

Li Yuanchao yavuze ko anezerejwe no kuba ibintu bibandanya gutera imbere mu Burundi,amenyesha kandi ko ashigikiye ibiganiro bihuza abarundi bihagarariwe n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Ku ruhande rwiwe, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko ashima intambwe ubucuti buri hagati y ‘Uburundi n’Ubushinwa bugezeko mu bijanye n’uguhanahana ibidandazwa hamwe no gufashanya mu bijanye n’ubutunzi.

Muri uwo mubonano, yaba umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza canke icegera c’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa Li Yuanchao bose barashimye uko ibintu vyifashe mu bijanye n’imigenderanire baca biyemeza gukomeza ugufashanya aho impande zose zunguka, ariko bubakiye kukwubahana.

Rufyiri:’’ Nta nyungu mu bijanye n’ubutunzi Uburundi bukura ku Bushinwa’’

Ku ruhande rwiwe, Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME ryinshinze kurwanya abarya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta,amenyesha ko Ubushinwa bufise inyungu mu bijanye n’ubutunzi, kuko hari ibintu bihambaye mu bijanye n’ubutunzi bwiteze ku Burundi.

Gabriel RUFYIRI amenyesha ko hagati y’Uburundi n’ubushinwa igihugu c’Ubushinwa arico kihungukira ,Uburundi nabwo bugahomba , bigatuma badashobora kubaraba ko bariko barahomba kubera Uburundi busanzwe bwugarijwe n’ubukene.

Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME , amenyesha ko inyungu yonyene Uburundi bukura ku gihugu c’Ubushinwa, ari uko Ubushinwa bushigikira Uburundi mu ngingo ishirahamwe mpuzamakungu ONU riba rishaka gufata ku Burundi.

Icegera c’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa Li Yuanchao ari mu Burundi kuva ku mugoroba wo kuwa gatatu , igenekerezo rya 10 Rusama,umwaka wa 2017.

Messages

  • Hahaaaa Uwo Mugabo Aciye Avyo Nona Kumbe Uburundi Ntaco Buhungukira Arya Ma Telefone Nayo Ntubona Ko Muburundi Dukoresha Fone Za China Gusa?

  • Je qualifie ce discours comme celui d’un politique de l’oppositon. Si non les relations entre un pays du Nord et celui du Sud sont toujours inégalitaires, dominant- dominé. Seulement ce Rufyiri n’est content de voir la Chine contonuant àsoutenir le Burundi. D’ailleur la Chine, pays comministe, il donne des aides moins empoisonnées(avec moins de conditions et moins intérêts) par rapport àcelles en provenance des pays occidentaux. AHO MWATUBESHA RUFYI S’UNOMUSI, MWARACEREWE.

  • Je qualifie ce discours comme celui d’un politique de l’oppositon. Si non les relations entre un pays du Nord et celui du Sud sont toujours inégalitaires, dominant- dominé. Seulement ce Rufyiri n’est content de voir la Chine contonuant àsoutenir le Burundi. D’ailleur la Chine, pays comministe, il donne des aides moins empoisonnées(avec moins de conditions et moins intérêts) par rapport àcelles en provenance des pays occidentaux. AHO MWATUBESHA RUFYI S’UNOMUSI, MWARACEREWE.

  • Gabriel Rufyiri Avuga Ko Atanyungu Uburundi Bukura Ku Bushinwa Atari Uruhombo,ariko Ntiyerekanye Urwo Ruhombo.Hama Ko Ubushinwa Bushigikira Uburundi Mugihe ONU Ishaka Kudufatira Ingingo Zagahotoro Jewe Numva Igihugu Nkico Arico Kwiyegereza Rufyiri We Umengo Ntibimushimisha. Kuva Uburundi Bwitwa Izina Ntanyubakwa Y’ibiro Vy’ibubahiro Nk’icumukuru W’igihugu Bufise.Ariko Ubushinwa Buriko Buratwubakira Iyo Ngoro, Aho Uburyo Bwahora Bukoreshwa Mugupangira Umuntu Ubu Buzoca Bukoreshwa Ibindi.N’izindi Nyubakwa Nka ENS,N’ibindi. Ako Karusho Uwutakabona Nuwudashaka Kubona.

  • amaterefone mbega abarundi barayarya.uwuvuga uka ntazi icarico imigenderanire hagati y’ibihugu.rufyiri zubabwira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.