Accueil > Amakuru > Poritike > Uburundi n’Ubushinwa biyemeje gukomeza imigenderanire
Uburundi n’Ubushinwa biyemeje gukomeza imigenderanire
vendredi 12 Rusama 2017
Inyuma y ‘umubonano umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yagiranye na Li Yuanchao icegera c’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa ku mugoroba wo kuri uno wa kane igenekerezo rya 11 Rusama,umwaka wa 2017, Li Yuanchao yamenyesheje ko Ubushinwa buzobandanya gukorana n’Uburundi mu ntumbero yo gukomeza ukwizerana mu bijanye na politike , gukomeza imigendenderanire , no guhanahana abanyagihugu.

Li Yuanchao yavuze ko anezerejwe no kuba ibintu bibandanya gutera imbere mu Burundi,amenyesha kandi ko ashigikiye ibiganiro bihuza abarundi bihagarariwe n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.
Ku ruhande rwiwe, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko ashima intambwe ubucuti buri hagati y ‘Uburundi n’Ubushinwa bugezeko mu bijanye n’uguhanahana ibidandazwa hamwe no gufashanya mu bijanye n’ubutunzi.
Muri uwo mubonano, yaba umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza canke icegera c’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa Li Yuanchao bose barashimye uko ibintu vyifashe mu bijanye n’imigenderanire baca biyemeza gukomeza ugufashanya aho impande zose zunguka, ariko bubakiye kukwubahana.
Rufyiri:’’ Nta nyungu mu bijanye n’ubutunzi Uburundi bukura ku Bushinwa’’
Ku ruhande rwiwe, Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME ryinshinze kurwanya abarya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta,amenyesha ko Ubushinwa bufise inyungu mu bijanye n’ubutunzi, kuko hari ibintu bihambaye mu bijanye n’ubutunzi bwiteze ku Burundi.

Gabriel RUFYIRI amenyesha ko hagati y’Uburundi n’ubushinwa igihugu c’Ubushinwa arico kihungukira ,Uburundi nabwo bugahomba , bigatuma badashobora kubaraba ko bariko barahomba kubera Uburundi busanzwe bwugarijwe n’ubukene.
Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME , amenyesha ko inyungu yonyene Uburundi bukura ku gihugu c’Ubushinwa, ari uko Ubushinwa bushigikira Uburundi mu ngingo ishirahamwe mpuzamakungu ONU riba rishaka gufata ku Burundi.
Icegera c’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa Li Yuanchao ari mu Burundi kuva ku mugoroba wo kuwa gatatu , igenekerezo rya 10 Rusama,umwaka wa 2017.
Messages
12 Rusama 2017, 19:12, par Gisizimwe Piter
Hahaaaa Uwo Mugabo Aciye Avyo Nona Kumbe Uburundi Ntaco Buhungukira Arya Ma Telefone Nayo Ntubona Ko Muburundi Dukoresha Fone Za China Gusa?
14 Rusama 2017, 16:03, par folmand
Je qualifie ce discours comme celui d’un politique de l’oppositon. Si non les relations entre un pays du Nord et celui du Sud sont toujours inégalitaires, dominant- dominé. Seulement ce Rufyiri n’est content de voir la Chine contonuant à soutenir le Burundi. D’ailleur la Chine, pays comministe, il donne des aides moins empoisonnées(avec moins de conditions et moins intérêts) par rapport à celles en provenance des pays occidentaux. AHO MWATUBESHA RUFYI S’UNOMUSI, MWARACEREWE.
14 Rusama 2017, 16:05, par folmand
Je qualifie ce discours comme celui d’un politique de l’oppositon. Si non les relations entre un pays du Nord et celui du Sud sont toujours inégalitaires, dominant- dominé. Seulement ce Rufyiri n’est content de voir la Chine contonuant à soutenir le Burundi. D’ailleur la Chine, pays comministe, il donne des aides moins empoisonnées(avec moins de conditions et moins intérêts) par rapport à celles en provenance des pays occidentaux. AHO MWATUBESHA RUFYI S’UNOMUSI, MWARACEREWE.
15 Rusama 2017, 11:54, par Jean Prosper Busago
Gabriel Rufyiri Avuga Ko Atanyungu Uburundi Bukura Ku Bushinwa Atari Uruhombo,ariko Ntiyerekanye Urwo Ruhombo.Hama Ko Ubushinwa Bushigikira Uburundi Mugihe ONU Ishaka Kudufatira Ingingo Zagahotoro Jewe Numva Igihugu Nkico Arico Kwiyegereza Rufyiri We Umengo Ntibimushimisha. Kuva Uburundi Bwitwa Izina Ntanyubakwa Y’ibiro Vy’ibubahiro Nk’icumukuru W’igihugu Bufise.Ariko Ubushinwa Buriko Buratwubakira Iyo Ngoro, Aho Uburyo Bwahora Bukoreshwa Mugupangira Umuntu Ubu Buzoca Bukoreshwa Ibindi.N’izindi Nyubakwa Nka ENS,N’ibindi. Ako Karusho Uwutakabona Nuwudashaka Kubona.
18 Rusama 2017, 15:01, par pascal
amaterefone mbega abarundi barayarya.uwuvuga uka ntazi icarico imigenderanire hagati y’ibihugu.rufyiri zubabwira.