Ubuserukizi bw’Uburundi i New York bumenyesha ko uwuzotora afatiriwe ashobora gutuma

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 9 mai 2018 saa 10:51
Yasomwe :
0 0

Ubuserukizi bw’igihugu c’Uburundi mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU,i New York, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bumenyesha ko uwutazoronka umwanya wo gushika mu kibanza c’itora kubera imvo z’akazi, ashobora gutuma uwumutorera.

Mw’itangazo ry’ubuserukizi bw’Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ubwo buserukizi bumenyesha ko uwutora azoba yitwaje ikarata karangamuntu n’ikarata iranga uwutora.

Ku wuzoba adafise umwanya kubera imvo z’akazi bikaba ngombwa ko atuma uwumutorera, ubuserukizi bw’Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bumenyesha ko, ategerezwa kurungika ikarata karangamuntu yiwe n’ikarata yiwe iranga uwutora.

Ubuserukizi bw’Uburundi mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU bumenyesha ko uwuzoba atumwe gutorera uwundi, ategerezwa kuba yiyandikishirije muri ico kibanza nyene, ko ariho azotorera.

Amatora yo kwemeza canke guhaka ibwirizwa nshingiro, ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha