Ubushikiranganji bw’indero bwashikirije ivyaranguwe mu gice ca gatatu c’umwaka 2017

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 25 octobre 2017 saa 03:19
Yasomwe : 9486
0 0

Umushikiranganji w’indero inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi Janviere NDIRAHISHA, amenyesha ko kuva mu kwezi kwa Mukakaro haranguwe ibikorwa bitari bike mu bushikiranganji arongoye.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 25 gitugu, umushikiranganji w’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi yavuze ko mu mezi atatu ubushikiranganji bwuguruye igisata c’amashure yisununuye Mastère hamwe na doctorat muri kaminuza y’Uburundi, ibizotuma inyigisho nshasha za BMD ziterimbere.

Umushikiranganji yongeye aramenyesha ko hakozwe ihindugwa no gukwiragiza abigisha mu bibanza bakenyemwo « redéploiement » aho abigisha n’abarongozi bagera kuri 114 bahinduriwe aho bakorera.

Kur’iyo ngingo, umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA amenyesha ko ingingo yo gukwiragiza ku rugero rumwe abigisha vyatumye hahagarikwa ubusuma butari buke.

Yavuze ati :« Ingingo yo gukwiragiza abigisha yaratumye abasuma bahora bahembwa imishahara iciye mu busuma ihagarikwa.Abagiriwe n’ubwo busuma bategerezwa gusubiza ivyo bivye mu maguru masha ».

Umushikiranganji amenyesha kandi ko abigisha bashika 3193 bo mu mwaka wa 2 urangiza ishuri nshingiro hamwe n’abarongozi b’amashuri baronkejwe inyigisho zijanye n’ukwongereza akanovera k’ivyigwa .

Ku bijanye n’ingingo zafatiwe amashuri amw’amwe atari ku rugero rusabwa n’amategeko agenga ubushikiranganji bw’indero, umushikiranganji w’indero aragabisha abayobozi bazorenga ku mategeko yashizweho.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha