Ubushikiranganji bw’indero bwashikirije ivyaranguwe mu mwaka wa 2017

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 22 janvier 2018 saa 04:52
11865
0 0

Ubushikiranganji bw’indero,inyigisho za kaminuza hamwe n’ubushakashatsi bumenyeshako abigisha bashika 4800 aribo bahinduriwe ibibanza mu mwaka wa 2017 mu gikorwa co gukwiragiza abigisha aho babuze.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa mbere ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’indero,Janviere NDIRAHISHA atwara ubwo bushikiranganji yamenyesheje ko mu gikorwa co gukwiragiza abigisha aho batari ,catumye Reta ihungukira amafaranga arenga imiriyaridi ibihumbi 8 yahora aronswa abigisha bahembwa badakora.

Uyo mushikiranganji asigura ko abo bigisha bahembwa badakora bakingirwa ikibaba n’abayobozi bamwe bamwe bo ku mashure, ariko ko abo bahembwe badakora batanguye gusubiza ayo mafaranga.

Mu vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mwaka wa 2017,hariho ishirwaho ry’imyigisho za kaminuza z’igice ca kabiri ni ca gatatu Master hamwe na Doctorat mu rurimi rw’igifaransa.

Umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA yashikirije ko kuba haruguruwe izo nyigisho z’igice ca kabiri n’ica gatatu bizofasha kugira ikibazo cibonekeza c’abigisha badafise ubuhinga n’ubumenyi gitorerwe umuti.


Kumenyekanisha

1
Manirakiza Egide 28-04-2018 à 22:21

Mbega vya kabay kaminuza itanga minerval ?nagira ngo noyigimwo none nzoca ndayiheba

2
Salathiel Damian 3-03-2018 à 06:01

Kubera Iki Leta Yagabanuye Ikiringo C’uburuhuko Kubanyeshure Nka Cane Cane Primaire Na Secondaire ?

3
ngabonziza deo 24-01-2018 à 20:07

mbega abanyeshure nibo bigurira igwa ?ko numva ngo leta itanga nkeya ntizokwira nivyo ?

4
ngabonziza deo 24-01-2018 à 19:59

bt ?ikibazo mfise ndagijura umushikiranganji windero naco niki:mbega ubu aba post fondamentale bazokwiga angahe ?(exemple:nko muri langue)

5
Clement 23-01-2018 à 22:18

Niyirambire kuko arabikwiye.

6
David 23-01-2018 à 15:45

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa mbere ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’indero,Janviere NDIRAHISHA atwara ubwo bushikiranganji yamenyesheje ko mu gikorwa co gukwiragiza abigisha aho batari ,catumye Reta ihungukira amafaranga arenga imiriyaridi ibihumbi 8 yahora aronswa abigisha bahembwa badakora.

NONE LETA YUNGUTSE AYARENGA INGENGO Y’IMARI "Budget" Y’UMWAKA ? IMPOSSIBLE !!!!!!!!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha