Accueil > Amakuru > Poritike > Ubushikiranganji bwemeje ukwiyunga kwa BIGIRIMANA na HABIMANA
Ubushikiranganji bwemeje ukwiyunga kwa BIGIRIMANA na HABIMANA
vendredi 13 Gitugutu 2017, par
Mw’ikete umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yarungikiye uwo mugambwe FNL wiyunze, inyuma y’uguhabwa icegeranyo c’ivyavuye mw’ikoraniro kaminuza, Pascal BARANDAGIYE w’intaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko yemeye ukwo kwiyunga, yongera akeza Jacques BIGIRIMANA na Pasteur HABIMANA ku gikorwa uwo mushikiranganji avuga ko ari ico gukomeza icuka ciza ca poritike mu Burundi.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, Jacques BIGIRIMANA yamenyesheje ko uwo mugambwe FNL wiyunze ushigikiye imigambi ya Reta. Jacques BIGIRIMANA ariyamiriza abavuga ko uwo mugambwe uri mu kwaha kwa CNDD FDD.
- Jacques BIGIRIMANA (hagati) na Pasteur HABIMANA (i buryo) biyunze mu mugambwe umwe
Mu gushigikira imigambi ya Reta, Jacques BIGIRIMANA avuga ko aho bukera ku munsi wa mbere, umugambwe FNL arongoye uzoshikiriza imfashanyo y’amafaranga umuriyoni w’amarundi, y’uguterera mu myiteguro y’amatora yo mu mwaka w’2020.
Umukuru w’uwo mugambwe arashikiriza n’aho ahagaze ku vyasabwe na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ko yotanguza amatohoza ku vyaha vyakozwe mu Burundi mu mwaka w’2015. Jacques BIGIRIMANA amenyesha ko biboneka neza ko Fatou BENSOUDA umushikirizamanza mukuru w’iyo Sentare azotanguza ayo matohoza, ariko akavuga ko ataco bizoba bimaze kubera Uburundi bwamaze kwikura muri iyo Sentare. Uwo arongoye FNL avuga ko ibizokorwa na BENSOUDA bizoba biraba wenyene.

Uwo mugambwe usaba umuhuza Benjamin William MKAPA ko yoshikiriza ku mugaragaro ko ibiganiro bihuza Abarundi vyahora bibera i Arusha vyaheze, agasaba kandi ko ibisigaye mu vyoganirwako, vyobera mu Burundi.
Egide NDUWIMANA