Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubushinwa bwemeye gufasha abanyeshuri 50 biga mu gice ca kabiri ca (...)
Ubushinwa bwemeye gufasha abanyeshuri 50 biga mu gice ca kabiri ca Kaminuza
mercredi 20 décembre 2017
Iyo nfashanyo izotangwa n’igihugu c’Ubushinwa ku banyeshuri 50 bagiye kwiga igisata ca kabiri ca kaminuza y’Uburundi, ingana n’amafaranga ibihumbi 60 vy’amarundi ku kwezi, mu kiringo c’umwaka wose.
Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaspard BANYANKIMBONA amenyesha ko mu bijanye no gufashanya hagati y’Uburundi n’Ubushinwa,iyo nfashanyo izohabwa abanyeshuri naho ari ntoya, ifise kinini isigura kuri bo.
Gaspard BANYANKIMNBONA ahamagarira abafasha hamwe n’abavyeyi gufasha abanyeshuri bagiye gutangura kwiga igice ca kabiri ca kaminuza, ico naco kikaba kizotangura kwigisha mu minsi ya vuba.
Ku ruhande rwiwe, Li CHANGLIN aserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, amenyesha ko bashimye gushigikira abanyeshuri, kuko gushira umutahe mu rwaruka, ari ugutegura kazoza k’igihugu,kandi gushira umutahe mu nyigisho, ari uguhindura igihugu.

Mwomenya iyo nfashanyo izotangwa mu mwaka w’ishuri wa 2017 ushira uwa 2018,abazoyironka akaba ari abanyeshuri bakenye gusumvya abandi, ariko bafise umwete kandi bakerebutse, bagakunda n’igihugu.

MUGISHA Van Naris
Messages
20 décembre 2017, 17:14, par David
Ni igikorwa co gushimira Leta y’Ubushinwa kuvyo yama ikorera abenegihugu b’Uburundi.
Ariko rero critères zo gutoranya abo banyeshure numva zitazoroha. Yemwe ubukerebutsi bwo na mitende, mwombwira ukuntu umuntu akunda igihugu bazomutora ?
20 décembre 2017, 20:04, par Ntengera
Aba DD murapfuye ugwagashinyaguro ; 60.000frbu ku kwezi ni ukuvuga 36.000.000 ku mwaka ku banyeshure 50 hanyuma mugakoma amashi , amatelevision agakorana, amasignatures... Murapfuye ugwo batwenga. Ako si akagaye ni ndamunyaye.
23 janvier 2018, 14:47, par Karikurubu juvenal
Jewe Mbabajwe n a institution yiyubaha nka UB bakibona ko 36 000 000fbu iyo aphuma aba ama dollars Hama bagatumira tel bgafata amasanamu bagasinya na Memorandum d entente . Nsavye Leta y uburundi gushiraho minimum y infashanya abanyamahanga bafashisha i gihugu Kuko harimwo n agasuzuguro no kwisuzuguza