IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi bwatumyeko abanyeshure bahagaritse (...)

Ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi bwatumyeko abanyeshure bahagaritse ivyigwa

jeudi 20 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi bwatumyeko abanyeshure bafise uburaro mu bigo vya Kaminuza y’Uburundi baheruka guhagarika ivyigwa, ko bosubira ku mirimo hatarenze kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2017, igihe c’isaha zibiri n’iminota 30.

Anatole NZINAHORA, umuyobozi ajejwe ibikorwa muri Kaminuza y’Uburundi, mw’itangazo yasohoye, yamenyesheje ko abatazokwitaba ako kamo bazoca bakwa ivyumba bahora babamwo, bihabwe abandi.

Iryo tangazo rivuga kandi ko ibizotakara muvyo abo banyeshure basize muri ivyo vyumba bizobazwa bonyene.

Abaserukira abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi babandanya gusaba ko itegeko rihindura ingene bahabwa agafashanyo ryohagarikwa.

Batanu mu baserukira abo banyeshure bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, mu kurindira ko Sentare yemeza namba bobandanya baburana bapfunzwe canke bidegemvya.

Abo banyeshure bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba ni Jean Bosco Bakanibona, Audace Nkunzimana, Simon Rurasuma, Elysé Dushime hamwe na Dieudonné Bigirindavyi.

Bose bagirizwa ko bateguye imigumuko muri Kaminuza y’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Mbe iryo terabwoba agira kururwo rwaruka nibiki??? Nimba ashaka kokaminuza iba ikambi y’imbonerakure, nazihe ivyo vyumba ariko zizokwomoka! Ibisigaye nibabahe agafashanyo kabo hama basubire kumirimo!!!

  • Bareke babe barajujuta nibabona bikenew bazigaruka mwebwe ibandanirize imirimo yo guteza imbere igihugu!!! Ayo biga twayize imbere bataravuka kandi twarubaha abategetsi ,iyo bafise ico basaba nibabe bivangura na politike no gutyoza abakuru, kandi iyo ngurane banka niyo abandi bipfuza

  • Uwomuyobozi wa kaminuza mbega kwasohora amatangazo atagira umutwe namaguru!, mbega ivyabanyeshure basavye vyagiye mungiro? cakabiri, mbega barya banyeshure bapfuzwe bahorwa yuko abakoze icobatumwe nabanyeshure barisazwe baserukira mbega barekuwe?,
    burya hariho abantu umenge bigira abahejeje kubwenge atanubwo bafise! woshobora kubwira umuntu ngogaruka ico yagusavye utarakimuha?
    ivyovyumba navyo ababwira kobihabwa abandi, nabahereze izonterahamwe nazambonerakure za mazabagore zibateragira mwumugera wasida ngo ziriko zirarondera kuvyara imbonerakure.
    Nayibizozimira bizoharurwa kuriwe, ntawundi azoba yavyivye, narirya aba CNDD FDD arabambere mugusenya inzugi.

  • Nibabatumeko Nyene Nakare Kwiga Ukamara Kaminuza Nivyo Vyiza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.