Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe APDR usaba ko atawozira ivyiyumviro vyiwe mu matora y’ibwirizwa (...)
Umugambwe APDR usaba ko atawozira ivyiyumviro vyiwe mu matora y’ibwirizwa nshingiro
lundi 30 avril 2018
Mu nama yahuje abarongoye abandi mu mugambwe APDR ku rwego rw’intara zigize igihugu, kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2018, umugambwe APDR wize uko anbanywanyi bawo bazokwifata mu gihe c’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.
Inyuma y’inama, Gabriel BANZAWITONDE arongoye umugambwe APDR yamenyesheje ko, bemereanije ko abanywanyi b’umugambwe arongoye bazotora EGO, mu matora ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.
Bitegekanijwe ko isekeza ryo kwiyamamariza amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro rizotangura kur’uno wa kabiri, igenekerezo rya 1 rirangire kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2018.
MUGISHA Van Naris