Umugambwe CNDD FDD uvuga ko igikorwa c’ukwigisha "EGO" canke "OYA" kitaragera

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 20 Kigarama 2017 saa 04:53
13695
0 0

Umugambwe CNDD FDD uvuga igikorwa catangujwe mu ntara ya Gitega ku bijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ari ico gusigurira Abarundi ingingo zizohinduka. Muri uwo mugambwe bashikiriza ko inyuma y’ico gikorwa ariho hazokurikira akanya kazohabwa abakuru b’imigambwe kugira basigurire abanywanyi bayo namba bokwemeza canke bagahakana ingingo ziri mw’ihinyanyurwa ry’iryo bwirizwa shingiro.

Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD avuga ko nawe arindiriye ako karyo kazotangwa n’umurwi CENI kugira asigurire abanywanyi biwe ico bazotora.

Ivyo Evariste NDAYISHIMIYE abishikirije mu gihe mu ntara ya Gitega, umunsi hatanguzwa isekeza ry’ugusigura ibizohinduka mw’ibwirizwa shingiro, umukuru w’igihugu yagabishije abazobera intambamyi ico gikorwa. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko uwo ari umurongo utukura utarengwa.

Kubwa Evariste NDAYISHIMIYE aramutswa umugambwe CNDD FDD, uwo murongo utukura ntuvuga abatazotora iyo nteguro, ahubwo abadashaka ko ico gikorwa c’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro kiba.

"Hari abadashaka ko tuja muri iyo nzira y’ukwishiriraho ibwirizwa shingiro. Ubu rro niho bavuze bati uwutabishaka, uwuzokwanka ko ayo matora aba, urumva uwo muntu ntazoba ashaka ko igihugu kibaho, azoba ateye igihugu."

JPEG - 91.4 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Evariste NDAYISHIMIYE abandanya avuga ati : "Ubu turi mu gikorwa c’ugusigura ivyahinyanyuwe, ico gikorwa nicahera hazoba rero isekeza rya EGO na OYA, aho umwe wese azoba afise uburenganzira bw’ukubwira abiwe ati jewe ndavye ibirimwo, ntibashizemwo ivyiyumviro vyanje ntimuritore. Uwundi nawe akavuga ati muraritora. Ivyo rero nivyo abanyamigambwe tuzotora, umwe wese abwire abiwe."

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaragabishije abantu bose boburagiza umugambi wo gusigurira abanyagihugu integuro y’impinyanyuro z’Ibwirizwa Shingiro rihasanzwe, zizovamwo Ibwirizwa Shingiro rishasha. Aboba intambamyi babwiwe ko uwo ari umurongo utukura ntarengwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha