IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD FDD uvuga ko utigeze uhabwa agahengwe na ONU kuva mu (...)

Umugambwe CNDD FDD uvuga ko utigeze uhabwa agahengwe na ONU kuva mu 2005

samedi 16 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu, Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe yamenyesheje ko ico cegeranyo kije kwerekana akarenganyo uwo mugambwe ukorerwa n’amakungu, kuva mu mwaka w’2005 ushitse ku butegetsi. Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko ivyagirijwe uburundi bitagira ishingiro.

"Kuva umugambwe CNDD-FDD ushikiriye ubutegetsi mu 2005, biratangaje kubona ikurakuranwa ry’ingingo zifatirwa Uburundi zishikirizwa n’inzego za ONU, mu gihe igihugu c’Uburundi cari kimaze imyaka ishika ku 50 kidasiba guca mu makuba kuva mu 1960, iyo myaka yose ikaba yaheze ONU iri mu gacerere, irorera."

JPEG - 99.9 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Uwo mugambwe uvuga ko wiyamiriza ibiri muri ico cegeranyo, ugahamagarira abanywanyi b’uwo mugambwe ko boja hamwe, bakagira urunani kugira biyamirize ico muri uwo mugambwe bita "akarenganyo n’itotezwa" bigirirwa igihugu c’Uburundi, umugambwe CNDD-FDD, hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure.

Ibiri muri iryo tangazo ryasomwe na Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD

ITANGAZO N°005 RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD, RYIYAMIRIZA ICEGERANYO C’IBINYOMA C’UMURWI UJEJWE AMATOHOZA KU VYEREKEYE AGATEKA KA ZINAMUNTU MU BURUNDI

Umugambwe CNDD-FDD warakiriye ibiri mu cegeranyo cashizwe ahabona n’umurwi ujejwe amatohoza ku vyerekeye agateka ka zinamuntu mu Burundi, bisabwe n’Umuryango w’ubumwe bwa Buraya ubicishije mu ngingo ya 33/24 y’Inama y’agateka ka zinamuntu. Iyo ngingo ikaba yatowe n’ibihugu 19 kuri 45 bigize iyo nama. Muri make bigasigura ko uwo mugwi washizweho ku nguvu; idahurijweko na bose. Ivyo bigaca vyumvikana shebuja ukorera uwo ari we, ko ari ishirahamwe rya Bulaya; naryo abarundi tukaba tuzi amabi ririko riradukorera.

Ntivyadutangaje rero kubona uwo murwi warashize ahabona icegeranyo cifatira mu gahanga indongozi z’Uburundi, umugambwe CNDD-FDD n’urwaruka rwawo rw’Imbonerakure. Ivyo vyose bakabikora mu ntumbero yo guca ivutu abenegihugu ngo bahahamuke kubera ubwoba.

Ico cegeranyo cuzuyemwo ibinyoma bitagira ishingiro, bivuga bikongera bikivuguruza; ivyo navyo tukaba dusanzwe twari twarabibonye mu bindi vyegeranyo vyakozwe na bamwe bavuga ngo ni abahinga bigenga bishirahamwe ONU.Igitangaje, uwo murwi urirengagiza ivyegeranyo vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’ayandi mashirahamwe ataho yegamiye, vyashoboye kwerekana ko mu Burundi hari ibikorwa vy’iterabwoba n’ayandi mabi akorwa n’akarwi k’abashatse gutembagaza ubutegetsi.

Yamara rero, birazwi ako karwi kari kigaruriye ubutegetsi ku magenekerezo ya 13 na 14 Rusama 2015, kari kandi kifatiye uduce tumwe tumwe mu gisagara ca Bujumbura aho kari kahagize amacuniro, aho abanyagihugu bagandagurirwa nk’inyamaswa. Ako kagwi k’abo bicanyi rero kari gakwiye gukurikiranwa n’ubutungane mpuzamakungu, hisunzwe ingingo za 9 na 10, zemejwe mu ngingo 56/83 y’Inama ya bose ya ONU, ingingo mpuzamakungu zihana ivyaha bikorwa n’ama leta canke n’imigwi y’abicanyi.

Kuvyega Uburundi, ubutungane ntako butagize kugira ngo burengutse abakuru b’uwo mugwi, mugabo bwagumye buburabuzwa kuko umuryango w’ubumwe bwa Buraya ufatanije n’ urwanda bagumye bavyisukamwo, barafasha abo babisha guhunga kandi babandanya babakingira gushika n’ubu.

Birumvikana ko ico cegeranyo atawocemera kuko atafatiro ryemewe n’amategeko gifise. Ntanumwe atazi ko muryango w’ibihugu vya Buraya ari nawo wafashe iyo ngingo ya 33/24 y’Inama y’agateka ka zinamuntu, washigikiye utiziganya umugwi watembagaje inzego ku wa 13 rusama 2015 kandi ukaba gushika ubu ufitaniye ingorane n’Uburundi mu ntumbero yo guha inguvu abatembagaje ubutegetsi babanje kwicisha ikigoyi abenegihugu batabashigikiye.

JPEG - 99.9 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Umugambwe CNDD-FDD, uriyamirije ico cegeranyo kitabona ibintu uko biri, gihengamiye kumugambi wo gusubiza inyuma agateka ka zina muntu mu Burundi. Ivyo bitagira aho bihagaze, birazwi ko vyatanguye kwemezwa mu vyegeranyo vy’abahinga mpuzamakungu bigenga batatu, kandi vyari biteye kubiri n’inzira amatohoza akorwamwo. Biragaragara rero ko atakindi ivyo vyegeranyo bishaka atari ukuvuna inkokora ubutegetsi bw’Uburundi bushingiye ku nzego zitorewe n’abenegihugu mu gihe bari bamaze igihe kitari gito mu gacinyizo none ubu bakaba bariko baratoha; bakora batiziganya mu rugamba rwo kurwanya ubukene.

Witegereje neza ivyo binyoma vy’agasakisaki, biraboneka neza ko ivyo vyegeranyo atayindi ntumbero bifise atari, ugusubiza inyuma umugambi wa Reta wogusubizahamwe no kunywanisha abarundi, watangujwe kuva mu 2005, uwo mwaka nyene akaba ariho abanegihugu bizigira umugambwe CNDD-FDD ngo urongore igihugu.

Kuva umugambwe CNDD-FDD ushikiriye ubutegetsi mu 2005, biratangaje kubona ikurakuranwa ry’ingingo zifatirwa Uburundi zishikirizwa n’inzego za ONU, mu gihe igihugu c’Uburundi cari kimaze imyaka ishika ku 50 kidasiba guca mu makuba kuva mu 1960, iyo myaka yose ikaba yaheze ONU iri mu gacerere, irorera.

Iyo nyifato, irerekana neza agahigihigi igihugu gifitiwe kumwe n’umugambwe CNDD-FDD n’indongozi ziwukomokako zitorewe n’abenegihugu ata gahato.

Ukubona ishirahamwe ONU ryemera guteshwa murudubi n’abansi ba demokarasi, ni akamaramaza.

Ishirahamwe ONU ryomenya ko iryo shirahamwe rya Buruya ririko rirayita mu rudubi inyuma y’aho umugambi wo gusambura demokarasi abarundi baronse barushe ubereye impfagusa. Igihe bashigikira itembagazwa ry’ubutegetsi mu Burundi, ntibagarukiye aho gusa; babandanirije urwo rugamba baciye muzindi nzira.

Umukuru w’uwo murwi Fatsah Ougerguz nabo bafatanije bahisemwo inzira yo kwambika ibara umugambwe CNDD-FDD, no gufata bunyamaswa indongozi zawo n’urwaruka ruwukomokako, ivyo vyose bakabikora ata cemezo na kimwe berekanye, bakavuga ko bafatiye ku ntahe batigeze batohozako. Ariko bakavyita ivy’ukuri.

Bonyene bariyemerera ko, ivyo bavuze vyose batigeze babitohozako kuko vyatanzwe n’impunzi. Abo bita impunzi mukaba mwibukako bavuye mu gihugu c’Uburundi imbere yuko ivyo vyose biba bivuye ku bihuha vyashikirijwe n’uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu BUrundi Onanga Anyanga kw’ igenerekerezo rya 4 ntwarante 2014 hamwe n’ibinyamakuru vyakora muntumbero y’ugutembagaza ubutegetsi. Mwomenya ko abo barundi bavurwa bagiye atawuriko arabatoteza kuko bari bafise ivya ngombwa bibaranga impapuro z’inzira zibaranga bamwe bakaba baciye ku kibuga c’indege canke mu mabarabara acungerewe n’inzego zigihugu. Ivyo bikaba vyerekana ko atanumwe yariko arabatoteza.

Ntivyumvikana rero ko umuntu yofatira ku ntahe zishinzwe n’abantu batabibonye ndetse bakoreshwa nabateye imigumuko bakongera bagahungabanya agateka k’abenegihugu mu gisagara ca Bujumbura.

Umugambwe CNDD-FDD uratewe akababaro no kwirengagiza nimpaka amabi yakorewe abenegihugu akozwe n’abatembagaje ubutegetsi kandi abonyene bayemanga.

Umugambwe CNDD-FDD uriyamirije ukwo guhengama kw’uwo murwi gushobora guta mu kaga igihugu. Umugambwe CNDD-FDD ukaba ubona neza ko ico cegeranyo kije gukingira ikibaba umurwi watembagaje ubutegetsi n’abawurongoye mu gihe kiriko cambika ibara inzego z’umutekano zarwanije iryo tembagazwa ry’ubutegetsi.

Uwo murwi kandi urirengagiza ubwicanyi butagira izina bwakozwe n’imirwi y’iterabwoba kuva mu 2015 harimwo gutera ama gerenade ahakoraniye abantu benshi ndetse n’ugutera ibirindiro vy’abajejwe umutekano.

Umugambwe CNDD-FDD ukaba uteye ivyatsi iyo nyifato y’uwo murwi utanababazwa n’ingene agateka k’abana kahungabanye igihe abateye umudugararo babuza abo bana kuja mu mashure bakabugaranira iwabo ndetse bakabaha nibiyayura mutwe kugira baje kugira ubwicanyi mwibarabara.

Umugambwe CNDD FDD uraneguye kandi uwo murwi kubona wirengangiza ishirwa mu gisoda ry’abana bari mu makambi y’impunzi mu Rwanda mu gihe abenshi badahengeshanya kwiyamiriza ico kibi. Ariko rero uwo murwi bikaba biboneka neza ko ufise inyifato yo kubishigikira; ivyo navyo bikayikurako icizere, ndetse bigakurako n’icizere kwishirahamwe mpuwamakungu ONU.

Mbega umuntu yovuga gute ivy’amategeko mpuzamakungu araba agateka ka zina muntu mu gihe ibuhugu vya buraya biriko binigira abarundi mu menshi ? Aho twokwibutsako iyo ngendo ariyo ihonyanga bimwe vyenyuje amategeko mpuzamakungu yaba ayo mu bihe vy’amahoro canke ayo mu bihe vy’ingwano : kwicisha inzara abenegihugu nka kimwe mu buhinga bw’intambara.

Umugambwe CNDD-FDD uriyamirije inyifato yibihugu bimwe bimwe bihurikiye mw’ishirahamawe mpuzamakungu ONU vyifuza kubona uburundi bwaguye mu kaga. Uravye iyo nyifato ntawokekeranya ko ivyo bariko barakora bifise intumbero yo gushira hejuru abatembagaje ubutegetsi.

Turavye intambwe Umugambwe CNDD-FDD ushikanyeko Uburundi mu bijanaye n’agateka ka zina muntu na demokarasi tubona ko wari ukwiye gushigikirwa mu mugambi wawo wo kwubaka igihugu.

Twomenyesha yuko ivyo vyegeranyo vy’ikinyoma kandi vy’incamugongo, vyatanguye gushikirizwa n’uwuserukira ONU mu Burundi ari vyo vyatumye abarundi basha coba bahunga igihugu, none uno musi nibo nyene baciye bacika ibikoresho vyo gutera intege abashaka gutera uburundi.

Vyongeye inyifato y’ishiramwe mpuzamakungu riraba impunzi HCR mu gihugu ca Tanzaniya yo kubuza abarundi kwitahira mu gihugu cabo irerekana ko inzego za ONU zirimwo mu mugambi wo kugira ibikoresho impunzi z’abarundi kugira ngo babafashe guta igihugu mu kaga.

Umugambwe CNDD-FDD urashigikiye umigambi wogutahukana abarundi bose bavyishakiye kuko turazi yuko hari ibihumbi n’ibihumbi bigizwe imbohe muri ayo makambi ikivyemeza n’imyiyerekano birirwa baragirira mu mabarabara kugira babatahukane.

Umugambwe CNDD-FDD urasavye kandi Reta y’Uburundi ko yotohoza neza ibitigiri vy’impunzi kugira ngo ishirahamwe HCR ntiribandanye ritanga ibitigiri bitarivyo, hanyuma tugasaba ko ikibazo c’impunzi cokwigirwa ku mugaragaro.

Umugambwe CNDD FDD urasubiye kwemeza ko ibirego vyagirizwa urwaruka rw’Imbonerakure bitagira ishingiro ahubwo bivurwa mu ntumbero yo gukurako ubuntu urwo rwaruka kugira ngo bakingire ikibaba abicanyi baba abarundi canke abanyamahanga.

Biribonekeza neza ko hari ukuboko kw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa burayo rica mu kwaha kw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira ngo risubire gucura bufuni na buhoro Uburundi.

Muri iyo ntumbero nyene , Umugambwe CNDD-FDD uriyamirije icurikwa ry’amajambo ashikirizwa n’indongozi z’Uburundi. Iryo curikwa rero ry’ayo majambo akaba atayindi ntumbero rifise atari ukuvyura ukwinubana hagati y’abonse rimwe n’indyane z’amoko mu Burundi; ivyo navyo bikaba vyazanywe n’abakoroni b’ababirigi.

Twagomba kumenyesha ko abarundi bamaze kumenya ko amoko mu Burundi ari igikoresho umukoroni w’umubiligi yakoresheje ku barundi kugira asahure ubutunzi bw’uburundi atacamira. Twaramaze kubona ko mu mico canke mu mibano atahigeze haba indyane z’amoko. Mu migenzo n’akaranga k’abarundi, Uburundi bwari bushingiye ku miryango ntibwari bushingiye ku moko.

Umugambwe CNDD-FDD urasubiye kwemeza icese ko uzokwama uharanira na ntaryo agateka ka zina muntu, ariko ukaba wiyamirije ikoreshwa ry’ijambo “agateka ka zina muntu” kugira rihonyange agateka k’ibihugu.

Umugambwe CNDD-FDD ukaba ubona ko kirya cegeranyo ari nk’igitero c’ugusambura ubutungane bw’Uburundi na cane cane iyo bariko babwagiriza ko budahana kandi ko butigenga.

JPEG - 99.9 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Umugambwe CNDD-FDD ufise mu ntumbero zawo ubutungane mbere biri mu civugo cawo. Urabona rero ko ubutungane buri nkuko bwavuzwe muri ico cegeranyo igihugu nticoba kigitwarika.

Ni nk’uko kwemeza ko inzego za reta zitera abenegihugu zitavanyako ari ukugira ngo ukuri ntikumenyekane nka kumwe ca kinyamakuru co mu bufaransa (France 3) cerekana amasanamu y’ubwicanyi bwabereye mu bindi bihugu kikemeza ko ari mu Burundi.

Igitangaje rero ni uko ubwicanyi bwabereye mu duce tumwe mu bice bigize igisagara ca Bujumbura bukozwe numurwi wateguye imigumuko ukongera ugatembagaza ubutegetsi ababikoze bakurikiranywe n’ubutungane ariko amakungu akaba adahengeshanya gusaba ko ubutungane bw’Uburundi bworeka kubakurikirana, bibonekera no mu vyasabwe n’uwo murwi mu gace k’ico cegeranyo ka 87.

Umugambwe CNDD-FDD ni icabona kitabesha mu gishingira intahe leta mu twigoro ikora two gutsimbataza amahoro n’umutekano no kurondera ineza y’abenegihugu, ni co gituma wiyamirije ico cegeranyo cuzuye ivyagirizi bitagira ifatiro co kimwe n’ibindi vyegeranyo vy’ibinyoma vyakorewe Uburundi.

Kumwe no gukeza leta mu kigoro ko gukomeza umwidengemvyo w’ibinyamakuru n’amashirahamwe, umugambwe CNDD-FDD uratangazwa n’uko uwo murwi utigeze ushira ahabona abamenyeshamakuru bahunze ubutungane kandi bari bakoze ivyaha vy’agahomerabunwa.

Umugambwe CNDDFDD urashigikiye ingendo y’ urwaruka rw’imbonerakure mu gukomeza imibano myiza n’urundi rwaruka hamwe no guterera mu ma komite y’umutekano ahurikiyemwo bose.

Umugambwe CNDD-FDD urashima kandi uruhara rw’urwaruka rw’Imbonerakure mu kwubaka Uburundi, ugashimishwa n’ingene rudasamazwa nivyo vyose biruvurwako, ukaba usaba ko rwokwama ari akarorero mu bikorwa vy’iterambere.

Mu guheraheza umugambwe CNDD-FDD, uremeje ko utazokwigera wemera ivyavuye muri ivyo vyegeranyo vy’ibinyoma vyakozwe n’uwo murwi ukaba mbere usaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’ibihugu bigize umurwi w’agateka ka zina muntu ko nabo batokwakira ico cegeranyo, kanatsinda sentare mpuzamakungu mpanavyaha mu mategeko yayo ntishobora kugira amatohoza ku vyo ubutungane bw’igihugu buba bwagizeko amatohoza.

Ivyo tubivuze tuzi neza ko ivyasabwe muri ico cegeranyo vyoba bije kuburabuza ubutungane bw’Uburundi kugira ngo habe akajagari mu gihugu, gusambura inzego z’Uburundi gutyo igihugu c’Uburundi kikaba gihundutse nka za Somaliya na Libiya.

Mu gihe rero ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryovyemeza ryoba ari ibara kw’isi yose aho ishirahamwe ry’iteka nk’iryo ryobuza reta gukoresha ubutungane mu kurwanya ukudahana.

Ni muri iyo ntumbero, twihweje ivyavuzwe vyose, umugambwe CNDD-FDD usavye ibi bikurikira:

Abarundi bose, abagumyabanga,hamwe n’imbonerakure basabwe :

Kubandanya bihanganiranira mu mibano yabo hamwe no gukomeza umutima wo gukunda igihugu

Basabwe kandi kwigumya ku gasomborotso bagirirwa n’abansi b’Uburundi

Boguma kandi babandanya mu nzira yo kuba akarorero mu bikorwa vy’iterambere aho bari hose na cane cane kuguma bahagarariye umutekano

Leta y’Uburundi nayo isabwe

Kugeza ijwi ry’abenegihugu kure, bonyene bamaze kwiyamiriza ishirwaho ry’uwo murwi n’icegeranyo cawo, ko ivyavuye muri uwo murwi bitabaraba.

Isabwa kandi kubandanya gukomeza umugambi wo gutahukana abarundi bafashwe nk’imbohe mu makambi y’impunzi.

Leta rero irasabwe kandi yuko itotirimuka ku mugambi wayo wo kurwanya kudahana kugirango abakorewe ivyaha batunganirizwe.

Ishirahamwe ONU risabwa:

Guhagarika kubiba inzankano hagati yabonse rimwe mu burundi biciye mu kwambika ibara indongozi zabo

Rirasabwa kandi ko inama nkuru ijejwe agateka ka zina muntu ya ONU itosubira guhengama mu kugira icitwazo ca politike agateka ka zina muntu kugira rihungabanye agateka k’ibihugu biri mu nzira y’iterambere.

Iryo shirahamwe rirasabwa kandi ko ritokwemeza ico cegeranyo hamwe nibindi vyegeranyo vyose bitaciye mu nzira itunganye

Turasavye ko ishirahamwe ONU ryoshigikira leta y’ uburundi mu mugambi wayo w’ukurwanya ivyaha bikomeye mu guhatira ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya n’igihugu c’ Urwanda gusenyera ku mugozi umwe n’igihugu c’uburundi kugira ngo abicanyi binyegeje mu bihugu vyabo bashirwe imbere y’ ubutungane.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, rirasabwe

Gukingira agateka k’ibihugu vya Afrika biriko bitotezwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha yabaye igikoresho c’ibihugu vya rutura.

Rirasabwa kandi gufata ingingo ku birego vyatanzwe na reta y’Uburundi ku ruhara rwa reta y’Urwanda mu guhungabanya amahoro n’umutekano mu Burundi.

Mu kurangiza, dusavye abagumyabanga nabo bose bakunda amahoro, demokarasi n’agateka k’igihugu cacu ko twoja hamwe tukagira urunani kugira ngo twiyamirize akarenganyo n’itotezwa rigirirwa igihugu cacu, umugambwe CNDD-FDD, n’urwaruka rw’imbonerakure.

Bigiriwe i Bujumbura,

Ku wa 15 Nyakanga 2017

Ndayishimiye Varisito

Umunyamabanga Mukuru.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • CDD FDD igeze ahatemba kuko nabayirongoye basigaye bavuga nkabatayumutwe!
    uyu Ndashimiye Varisito nabo bafatanije bagiye kuzorwara ihahamuka, kuko uburyo bavuga nivugo yerekana kubwoba bumugejeje habi.
    Mumvugo yiwe ngoyiteguye kurwana nisi yose! burya harico ataramenya kuko ugomba urupfu asoma igwe, ndibaza ntabushobazi asuvya sadamu nabandi bigira agakomeye,
    Ariko ndamutahura kuko ntakundi yovuga kuko ururimi ntacorusaruna numuntu.

  • Bribonekeza ko CNDD-FDD n’Imbonerakure muzopfa mwangara,murindire akari inyuma karahinda

  • Hicuburundi we! Nabo musangiye ivyiyumviro, murarota. Twarangaye mwe na baso na basogokuru banyu batwangaje, ariko ivyo ntibizosubira. Tuzorwanira igihugu cacu tukirwemwo gushika kuwanyuma.
    Nsengiyumva Remy nawe, naho CNDD-FDD yotwarura, ntituzosubira kukivamwo, naho Ndayishimiye yopfa ubu nyene, musi yiwe hari abahagaze nka kurya kwiwe nyene. Ntimwari muzi ngo Gn Adolphe apfuye tuzoca duhunga nkambere, ntimwatangaye none? Nimba mushaka ko UBURUNDI buba nka Irak na Lybie, muri abahemu (traites) nkabandi, muzopfa urwa Gahini, Yuda n’abandi bahemukiye Imana n’abantu.
    Vive le BURUNDI ma nation, mon pays et les burundais, mon peuple!

  • Hahahahahahahahahahah General weeeeeeeeeee!! Never Weeeeeeeeeeeee!!!! Eka uri Never. Amenyo aragutwenga arayawe. Burya ndabona Ubuhindi aribwo bwoshobora kukuvura kuko ugeze ahatemba. Ndibaza kumwe uwoza muhira iwawe akavuza ikigwangara vyoba birangiye pe!!!!!! Ndabona tugiye kuronka amahoro vyukuri mbonye aho bageze nakanya nakanya tugasanga barirutse kwangara nka Gahini. Ariko bazitaba pe bahabwe agahembo kivyo bakoze vyose.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.