Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD-FDD wasubiye kwemeza ko udashobora kuganira n’abashatse (...)
Umugambwe CNDD-FDD wasubiye kwemeza ko udashobora kuganira n’abashatse gutembagaza ubutegetsi
mardi 28 Ruhuhuma 2017
Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko ingingo yo kuticara ngo uganire n’abashatse gutembagaza ubutegetsi hamwe n’abaronderwa n’ubutungane bw’Uburundi ari ntabanduka kandi idahinduka.
Mw’itangazo umugambwe CNDD-FDD washize ahabona kuri uno wa mbere igenekerezo rya 27 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, umenyesha ko igitigiri kinini c’abatumiwe mu biganiro vyabereye i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya kuva kw’igenekerezo rya 16 Ruhuhuma bari abaronderwa n’ubutungane bw’Uburundi.
Muri iryo tangazo, umugambwe CNDD –FDD urashimira kandi Reta y’Uburundi kuba itarenze kuvyo yari yiyemeje ko ititaba ibiganiro kandi itokwicarana n’abatunganije umugambi wo gutembagaza ubutegetsi.
Umugambwe CNDD-FDD usaba umufasha w’umuhuza Bennjamin Mkapa gusubira kwihweza ingene atumira abitaba ibiganiro , agatumira imigabwe yemewe mu Burundi.
Umugambwe CNDD-FDD urangiza iryo tangazo uhamagarira abanyepolitike bahunze ariko bataronderwa n’ubutungane ,kugira bitegurire amatora yo mu mwaka wa 2020.
IGIHE
Messages
28 Ruhuhuma 2017, 15:21, par Cobla Rouge
Muzoyaga vyanka bikunda,reka mukanya fimbo chapa vya Mkapa,Union europeene na ONU bizebibakosore,kunguvu muzokwicarana na Niyombare
1er Ntwarante 2017, 02:08, par Ntakirutimana Joel
Mwanke mwemera muzokwicarana, mwebwe komwahoneje inganda mukirimwishamba munyuma mukicarana nabatakoze amaraso? aba CNDD FDD birazwi yuko muribirwarudubi. Murindire nukubokera mwantagodwa, ahubwo mwarabaye ibijuju birengeje urugero, urazi icokigirwa mana, umusi camungutse amubi niwo musi isi izoba ibubamyeko. Nayo Mkapa arazukuri gusumba mwibwe, icomuzi nindero nke, barya batumiwe nabo nibobashingantahe ndufise ngaha muburundi, kandi buzuye imigisha nimihezagiro, umusi bazoramutswa uburundi ntaruzuba ruzosubira kwumisha indimo, inzara muburundi izosezererwa hano, na mwe mwaraje muzanana imivumo mwavumwe ni Mana kubawamaraso yabana bayo mwasheshe nabugingo nubu mukiyasesa.
1er Ntwarante 2017, 08:21, par athanas
Muzokwanka kuganira kuneza muganire amaboko arimugongo.mbenimwe mutahiritse ubutegetsi mukwihagira mandat3ibivyose ntibirikobiba kubera mwebwe?