IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD FDD wiyandikishije kuzokwitaba ukwiyamamaza mu matora (...)

Umugambwe CNDD FDD wiyandikishije kuzokwitaba ukwiyamamaza mu matora y’ibwirizwa nshingiro

mardi 27 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Icegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD Joseph NTAKARUTIMANA yaserukiye uwo mugambwe yamenyesheje ko uwo mugambwe wiyandikishije ku mugaragaro kugira bimenywe na bose ntihazohave haba impari.

Ku vyerekeye kudahuriza hamwe kuri ico gikorwa n’abandi nk’abatavuga rumwe na Reta, Joseph NTAKARUTIMANA yagize ati : “Igikorwa co kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha ni ic’Abarundi bose, turamenyereye ko ata na kimwe dukora bavuge ko ari ciza."

JPEG - 63.6 ko
Joseph NTAKARUTIMANA yakiriwe n’umukuru w’umurwi CENI, Pierre Claver NDAYICARIYE

Ico cegera c’umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD yavuze kandi ko biteguye ko abatavuga rumwe nabo bariko barategura ivyo yita "ibinyoma vyinshi", mu ntumbero yo gushaka aho vyobashitsa, ariko akavuga ko yizeye ko ibikorwa vyateguwe neza, abazotora "Ego" ari benshi.

Umukuru w’umurwi utegura amatora CENI Pierre Claver NDAYICARIYE yamenyesheje ko bashimishwa n’igitiri c’imigambwe imaze kwiyandikisha gushika ubu, kuko ari igitigiri ciza.

Pierre Claver NDAYICARIYE yasavye imigambwe, inani z’imigambwe canke amashirahamwe yipfuza kuzorungika abarorerezi muri ivyo bikorwa kuja gutora impapuro zo kwuzuza kugira bazoronke uburenganzira.

Impapuro zisaba uburenganzira bwo kuja kuba umurorerezi mu matora zizotangura kwakirwa mu murwi ujejwe gutegura amatora CENI kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza gushika kw’igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2018.

Imigambwe imaze kwiyandikisha kugira izokwitabe igikorwa co kwiyamamaza mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro rishasha gushika kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante uyu mwaka ni 18 bikaba bitegekanijwe ko kizorangira kw’igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2018.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.