IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe FNL iragi rya Gahutu Remy wiyunze na FNL ya Jacques (...)

Umugambwe FNL iragi rya Gahutu Remy wiyunze na FNL ya Jacques BIGIRIMANA

mercredi 4 Gitugutu 2017

Abanywanyi b’umugambwe FNL Iragi rya Gahutu Remy hamwe n’abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe na Jacques BIGIRIMANA bavuye mu ntara za Bujumbura, mu gisagara ca Bujumbura, hamwe n’intara ya Bubanza nibo bari bitavye ico gikorwa.

Mw’ijambo ryiwe, Pasteur HABIMANA yahora arongoye umugambwe FNL Iragi rya Gahutu Remy yamenyesheje ko ico gikorwa bagitunganije mu ntumbero yo gutunganya no gushiraho umugambwe umwe uzoshobora guhiganwa neza mu matora ya 2020.

JPEG - 125.2 ko
Pasteur HABIMANA ,umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe na Jacques BIGIRIMANA

Pasteur HABIMANA yavuze ko igenwa rya Jacques BIGIRIMANA ngo arongore umugambwe wagiye hamwe bitizanye kuko yagize akamaro gakomeye mu mugambwe FNL kuva ukiri umuhari urwana, aca amushikiriza ibimenyetso biranga umugambwe FNL iragi rya Gahutu Remy.

JPEG - 67.7 ko
Jacques BIGIRIMANA yakira ibiranga umugambwe FNL iragi rya Gahutu Remy

Uwo yahora arongoye umugambwe FNL iragi rya Gahutu Remy yavuze ko umugambwe FNL ugiye hamwe utaje kurwanya Reta ihari kuko yatowe n’abanyagihugu.

Pasteur HABIMANA yavuze ati : ’’Umugambwe FNL duhejeje gushira hamwe, ni umugambwe ushigikiye Reta ihari, ni umugambwe utaje kurwanya Reta kuko Reta ihari yatowe n’abanyagihugu.’’

Yasavye umukuru w’umugambwe wiyunze Jacques BIGIRIMANA kwama yibuka abanywanyi b’umugambwe FNL baba abavuye muri FNL yahora arongoye canke abari basanzwe mu mugambwe FNL, aca amusaba kandi kwibuka umuryango wa Gahutu Remy kuko wewe yabuze uburyo bwo kuwushikako.

Mw’ijambo ryiwe, Jacques BIGIRIMANA arongoye umugambwe FNL wagiye hamwe yavuze ko Pasteur HABIMANA ataguzwe, ariko ko ari umugambi wateguwe kuva hakiba ibiganiro mu gisagara ca Dar-Es-Salaam.

JPEG - 43.7 ko
Jacques BIGIRIMANA,umukuru w’umugambwe FNL wiyunze

Jacques BIGIRIMANA yashikirije icipfuzo c’umugambwe arongoye wagiye hamwe, avuga ati : ’’Ico twipfuza n’uko mu mwaka wa 2020 twoba twaronse intsinzi itagabanije. Mpamagarira abanywanyi bose kwigisha.’’

Nka Pasteur HABIMANA, Jacques BIGIRIMANA yavuze ko umugambwe FNL utavuga rumwe n’ubutegetsi ariko utanka ubutegetsi, aca yizeza abamuyoboka ko ata munywanyi n’umwe azokubagurwa.

Mu ntumbero yo kumukeza ku gikorwa ciza akoreye umugambwe FNL, Pasteur HABIMANA yaciye agenwa kuba icegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe FNL, hamwe n’umuvugizi w’uwo mugambwe.

Ibirori vyarangijwe no kwambika ibimenyetso ndangamunywanyi vy’umugambwe FNL abahora mu mugambwe FNL iragi rya Gahutu Remy.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.