IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe FNL usaba ko Lt Gen Adolphe NSHIMIRIMANA ashirwa mu (...)

Umugambwe FNL usaba ko Lt Gen Adolphe NSHIMIRIMANA ashirwa mu ncungu

jeudi 23 Ntwarante 2017

Umugambwe FNL urongowe na Jacques BIGIRIMANA usaba umukuru w’igihugu ko yoshira Lt General Adolphe NSHIMIRIMANA mu ncungu z’Uburundi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 22 Ntwarante,umwaka wa 2017, Jacques BIGIRIMANA yavuze ko yisunze ivyo Lt General yakoze ata kibuza ko yoba incungu ya revolution.

Muri ico kiganiro,umukuru w’umugambwe FNL wemewe mu bushikiranganji bw’itwaro hagati mu gihugu amenyesha ko abishe Lt General Adolphe NSHIMIRIMANA ari abashaka kunumya abanyagihugu no guhagarika intwaro rusangi.

Umukuru w’umugambwe FNL wemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko hamwe Lt General Adolphe NSHIMIRIMANA yoshirwa mu ncungu, ata nkeka abarundi benshi bomufatirako akarorero.

Mu kurangiza, Jacques BIGIRIMANA asaba abarundi bose kwama bibuka abatanze ubuzima bwabo, mu kubungabunga amahoro n’inyungu z’igihugu.

Lt General Adolphe NSHIMIRIMANA yishwe arashwe mu gatondo ko kuw’Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro,umwaka wa 2015.


IGIHE

Messages

  • abamwishe yabahumiye bapfuyebangara nabiyunvira ubwicanyi nibateshwe bate bacire birarura

  • reka kuba mutubesha,mubesha amakungu, uwamwishe ntiyigaramiye ngaho ko ntawumukorako.kandi ndabasavye mureke iciyumviro gitambuke.ngo bapfuye bangara nkurumbi ntiyokwemera ko aba inwari y’igihugu kuko azi ico yamuhoye,ni co bapfa.

  • Ivyo muvuga nivyo mugabo adolph nincungu y’imbonerakunya n’abagumyabondo ntabwo ari incungu y’abarundi twese.

  • Ivyo muvuga nivyo adolph nincungu ya mwebwe imbonerakunya n’abagumyabondo mugabo ntabwo ari incungu y’abarundi twese.

  • Reka kuba mufyina,ahubwo akwiye kwama yibukwa ingene yari yaramaze inzirakarengane.

  • Yarintwari kugira tugume tumwibu Adoroph Nshimirina akwiye kuja kunoti yabitanu kurya abandi biguze uburundi bose vyagenze niho twokwama tumwika kandi tukibu numusi yapfiriyeko guko yarumugabo mwobamukoze

  • Yarintwari kugira tugume tumwibu Adoroph Nshimirina akwiye kuja kunoti yabitanu kurya abandi biguze uburundi bose vyagenze niho twokwama tumwika kandi tukibu numusi yapfiriyeko guko yarumugabo mwobamukoze

  • Ahubwo yari yamaze abantu,none ngo tumwibuke?nama mvuga uwo mugabo jacques ntakomeye mu mutwe avuga ibisunitswe na moelle epiniere,uwicishije inkota azokwishishwa iyindi mwanka mwemera BIBILIYA yararivumereye.

  • Mbe uwo sum I rinda ivyavuga nibiki hama nibamugira incungu yamahasa y agandagura nabakenyezi yafashe kungumvu nabo bazoca babiki

  • bigirimana jc nukuri urumushingantahe wubwenge incungu ziguze zigatanga amaraso yazo ninyishi mbe urazi intwazangabo zafiriye kurugamba muri fnl nimba warayiyoboye woba Uzi nayo ukayisabira ikaziribukwa nkincungu yigihugu kuko kuba muraho harizitanze vyukuri bisabako nayo utoyibagira komemerezaho nabiwawe ubasabire nimba wiyemera kuri umu fnl

  • mbega kumugira incungu vyokwungura iki mubukene turimwo?

  • Bishe Lt Gnl Adolphe nshimirimana,ariko ba Adolphe nihoturi,tuzogumya iragi yadusigaranye gushika gupfa kwacu,rindira gato muri 2020 dusubire twiheshe iteka mugushira aho imana nabantu dushaka,ubuho 99% kuri nyakwubahwa,niyirambire kungoma.(Lt Gnl NSHIMIRIMANA Adolphe incungu ya revolution,oyeeeeee).

  • Umwicanyi ngwabe incungu!!! Ubu iyari kwa rusiferi umuriro uramurembeje!!! Bigirimana nawe napfe yambaye, ukwo gusegerereza nka Mayibobo ntaho bizomugeza!!! Arateye isoni!! Ntawuyobewe ko ari Kavyinabuhiye!! God damn him!

  • Nka bigirimana sinzi ingene yabaye umunyepolitike yahora apfungura ama toilette yazivye,nico gituma ivyo avuga bisunikwa na moelle epiniere yiwe.

  • mugihugu cacu’mutama’adorufe’numugabowabagabo’nahoyitavyeimana’ba’adorufe’turahari’nibanyarutse’kumwemza’nincungu’yademocracie’turamwemeza’abatavyunva’nibarindire’2020’amatora’kurimuzehe’azoyatsinda’miakwamia

  • Hhhhhhhhh incungu se yakoze iki uyu muhirimbiri uretse kwica abanyagihugu gusa. Ubona iyo uvuga BIKOMAGU all the time at least.
    Bikomagu azohora mumitima yacu. Naho uyu wewe ngo ni DOLUFU je ne lui souviens meme pas. Kuko atacintu kizima tumuzi ko

  • ewe jacques kubitibinwa ahuravuze ahonuduhera baguhendesheje ngudendembivyo.

  • sinzi ko intambwe yoshimagizwa

  • Muvyemere muvyanke Adolph intwari ibukwiye kugihugu cuburundi muntahureneza simvuze kwarincungu yurwanda ahoshatse mubwira ababanyarwanda banditse ngaha bapinga iciyumviro canyakwubahwa JC Bigirimana.

  • Bavuga duterimber ahubwo nibamanik ifoto ziw kumarompre yos yigihugu cose.Ukubatukana benshi barabungere.komera

  • Jacques Bigirimana ya buze ivyavuga, azakudedeba ibitagirumutwe namaguru!,mbega uwomuhimbiri ngo ni Adolphe Nshimirimana, abarundi twomwibuka tumwibukira kubiki vyiza ya koreye abarundi?.Ego nivyo turazi yuko yishe abantu beshi birezurugero, habamubahutu, canke mubatutsi yarahonejinganda, abibizi naboyasize ingozabo yugariye, nimbutamuzi bamwe turamuzi neza uko yagiye arakora ahoyaciye hose muntara zuburundi, tutibagiye mumakambi yi mpunzi Tanzania, zamutenderi muri 98 hamwe namuyovozi 99 urugo rwa Dr yarasazwe afasha impunzi mukubavura, mumisagonde itanu, umuryango wiwe wose yarabisasiye,ntawogushavurira ivyo ubivugishwa nakajumpu muka adolphe ahorakwokereza turabizi kutuzwe nuguhunahuna mubakecuru babapfakazi.

  • Ewe jacques uratwenza vyukuru rero uravuga nabicanyi bose Babe incungu
    Mbe urazi Ubahutu baba FNL yishe??? 2010
    Wewe muranganya ubwenge usa nawe.

  • Ubwo N’ubujuju Butagira Izina Kuko Incungu Zubatse Ubuzima Bw’igihugu Ni Zibiri Gusa Prince Louis Rwagasora Na Melchior Ndadaye Abo Nibo Mbona Ko Muvyukuri Bakwiye Kwitwa Incungu.Ariko Na Lj Adolpfe Haribitari Bike Tumwibukirako Ibibi Vyishi N’ivyiza Bikeyi Kubwivyo Bamwe Tumwibuka Kw’ivyiza Abandi Kw’ibibi Kandi Vyishi Rero Ntiyoshigwa Muncungu Kuko Abarundi Twese Tutamwemera Kumwe.(scientist King Of Love Online)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.